Korea ya Ruguru 'nta kigwanisho ca nucleaire yiteguriye kugerageza'

Ibiherutse kuvugururwa: 8 ukwa kane, 2013 - 11:17 GMT
ahageragerezwa ibisasu

Hari ibimenyetso ko ibikorwa vyiyongeye ku kibanza ca Punggye-ri kigeragerezwamwo nucleaire

Korea y'Epfo yamenyesheje ko itibaza ko Korea ya Ruguru hari igisasu ca nucleaire igiye kuzogerageza igisasu ca nucleaire-mu gihe ata masaha yari aheze hari umushikiranganji yari yevuze ko imyiteguro iriko iraba.

Ministre ajejwe ugusubira kwiyunga yari yabwiye abshingamateka ko hari ibimenyetso ko Korea ya Ruguru yiteguriye gupima igisasu.

Ariko ubushikiranganji bwop kwivuna abansi bwaciye bumuvuguruza ku kwemeza ko ata kintui bwabonye kidasanzwe ku kibanza nyamukuru Korea ya Ruguru isanzwe igeragerezako ibisasu vya nucleaire.

Hagati aho Korea ya Ruguru yamenyesheje ko ikuye abakozi bayo bose mu karere k'amahinguriro ahitwa Kaesong, ikibanza kiri ku butaka bwayo harangurirwa ibokorwa bafatanije na Korea y'Epfo.

Umutegetsi wo muri Korea ya Ruguru yavuze ko ivyo bikorwa bigiye kuba birahagaritswe muri ako karere kandi ko gashobora no kwugarwa. Kaesong hakora abantu barenga 50.000 bavabo muri Korea ya Ruguru.

Nta wuramenya ico abakozi bashika 500 bava muri Koera y'Epfo bakiri muri ako karere bazoca baba. Ico kibanza c'amahinguriro cari cubatwe haraheze imyaka 10, kikaba cari nk'ikimenyetso c'ugusubira gufashanya hagati y'ivyo bihugu vyompi.

BBC © 2014 BBC ntabwo yishingiye ibibera hanze y'imbuga zayo.

Uru rupapuro ruboneka neza ukoresheje amashakiro mashyashya ya CSS. Mugihe amashakiro yawe adakorana na CSS ntushobora kubona ibiri kuri uru rupapuro byose cyangwa neza. Niba bishoboka shakisha amashakiro mashyashya ya software cyangwa CSS niba washobora kubikora.