Ikibombe cahitanye 10 i Damas

Ibiherutse kuvugururwa: 8 ukwa kane, 2013 - 13:23 GMT
ivyononekaye

Vyinshi vyahononekariye

Ikibombe giteze mu modoka caturikiye ku murwa mukuru wa Syria Damas gihitana abantu nibura 10 nk'uko bivugwa n'ibinyamakuru vya leta.

Ico kibombe caturikiye hafi ya banki nkuru ca Syria n'ishure, nk'uko inkuru zibivuga.

Cononye ibintu vyinshi mu nyuma yaco hakaba humvikanye inkoho nyinshi, nk'uko bivugwa n'itororokanirizo ry'amakuru AFP.

Umwotsi mwinshi waduze uva aho caturikiye.

Abantu nibura 70.000 baramaze guhitanwa n'intambara muri Syria kuva itanguye haraheze imyaka irenga ibiri.

Umunyamabanga mukuru wa ONU Ban Ki Moon yamenyeshejke kuri uyu wa mbere ko umugwi w'abagenduzi uri muri Chypre aho urindiriye uruhusha rwo kwinjira muri Syria kugira uje gutohoza ku vyavuzwe y'uko hoba harakoreshejwe ibigwanisho vy'ubumara(armes chimiques)

BBC © 2014 BBC ntabwo yishingiye ibibera hanze y'imbuga zayo.

Uru rupapuro ruboneka neza ukoresheje amashakiro mashyashya ya CSS. Mugihe amashakiro yawe adakorana na CSS ntushobora kubona ibiri kuri uru rupapuro byose cyangwa neza. Niba bishoboka shakisha amashakiro mashyashya ya software cyangwa CSS niba washobora kubikora.