Ban Ki Moon: amazi ashobora kurenga inkombe ku kibazo ca Korea

Ibiherutse kuvugururwa: 9 ukwa kane, 2013 - 16:47 GMT
ikiduga c'intambara

Amajambo ya Korea ya Ruguru yatumye ababanyi bamera magabo

Umunyamabanga mukuru wa ONU Ban Ki Moon yagabishije avuga ko 'amazi ashobora kurenga inkombe' ku kibazo hagati ya Korea zompi

Yasubiye gusaba Korea ya Ruguru gusubiza hasi amajambo yayo y'agasomborotso kandi yongere igume yuguruye akarere k'amahinguriro bahuriramwo na Korea y'Epfo.

Avugira i Roma mu Butaliano Ban Ki Moon yavuze ko ikintu cose coba kubera uguharura nabi canke ukwihenda cotuma ibintu bigera kure.

Korea ya ruguru yasavye abanyamahanga bakora mu makomanyi n'amashirahamwe yo hanze hamwe n'ingenzi muri Korea y'Epfo kuva muri ico gihugu ku neza y'umutekano wabo.

Itororokanirizo ry'amakuru rya Korea ya Ruguru KCNA ryavuze ko ritifuza ko abanyamahanga bogira ico baba hamnwe intambara yoramuka yadutse.

hagati aho Ubuyapani bwamenyesheje ko bwashize ivyuma bitegera za missile hagati mu murwa mukuru Tokyo bikazokoreshwa mu kurasa ibisasu vyose bizoba bitumbereye ikirere cabwo.

Abanye Korea ya Ruguru uno munsi ntibitavye akazi mu karere k'amahinguriro gasangiwe na Korea zompi ka Gaesong, ivyo bikaba bihagaritse kimwe mu bimenyetso bike vy'ugufashanya hagati y'ibihugu vyompi.

Aho Gaesong hakora abanye Korea ya Ruguru barenga ibihumbi 50.

BBC © 2014 BBC ntabwo yishingiye ibibera hanze y'imbuga zayo.

Uru rupapuro ruboneka neza ukoresheje amashakiro mashyashya ya CSS. Mugihe amashakiro yawe adakorana na CSS ntushobora kubona ibiri kuri uru rupapuro byose cyangwa neza. Niba bishoboka shakisha amashakiro mashyashya ya software cyangwa CSS niba washobora kubikora.