Lady Thatcher: azosezerwa ku wagatatu uza

Ibiherutse kuvugururwa: 9 ukwa kane, 2013 - 15:30 GMT
Margaret Thatcher

Margaret Thatcher yapfuye kuri uyu wa mbere

Ibirori vyo gusezera Margaret Thatcher bizoba ku wa gatatu 17/04/2013 nk'uko vyamenyeshejwe na 10 Downing Street, ibiro vy'umushikiranganji wa mbere w'Ubwongereza.

Uwo yahoze ari umushikiranganji wa mbere yapfuye kuri uyu wa mbere ku myaka 87.

Ibirori vyo kumusezera birimwo icubahiro ca gisirikare bizobera kuri catherdrale Saint Paul , urugendo rukazohera Westminster.

Umwamikazi ari kumwe na Duc wa Edimburgh azoba ari muri ivyo birori , nk'uko vyamenyeshejwe n'ikirimba Buckingham.

Lady Thatcher ntazosezerwa ku rwego rw'igihugu ariko azoronka icubahiro nk'ic'umuganwakazi Diana na nyina w'umwamikazi.

Ibirori vyo kumusezera azogirirwa ntibiri kure y'ivy'igihugu, ubundi bigirirwa abo mu muryango w'ubwami kandi bikaba bitangirwa uruhusha n'umwamikazi.

Abantu haba mu Bwongerea no mu makungu bakomeje guha icubahiro Baroness Thatcher yapfuye afise imyaka 87.

David Cameron yavuze ko yabaye umwongereza akomeye, nawe umukuru wa leta zunze ubumwe za Amerika Barack Obama yamwise 'uwafashe iya mbere mu kugwanira ubwisanzure n'ukwishira ukizana'

Ibirori vyo gusezera uwo yahoze ari ministre wa mbere bizoba ku wa gatatu mumu ndwi iza.

Uwo muhango uzaba urimwo icubahiro ca gisirikare uzobera kuri Cethedrale Saint Paul. Lady Thatcher, ari we wenyene amaze kuba ministre wa mbere w'Ubwongereza w'umugore, yari ministre wa mbere w'aba conservateurs kuva mu 1979 gushika mu 1990 akaba yatsinze amatora atatu akurikirana.

Yapfuye mu mahoro agize ingorane y'amaraso vyanka giturumbuka ko aduga mu bwonko aho yari ari kw'i hoteri Ritz hagati mu gisagara ca Londres. Yaba muri iyo hoteri kuva avuye mu bitaro mu mpera z'umwaka uheze.

Imodoka iwayebisandugu isa n'ifeza arimwo yavuye kuri iyo hoteli inyuma ya sa sita z'ijoro igana ahantu hakiri mw'ibanga.

ibirori vyo gusezera Lady Thatcher

Margaret Thatcher azosezerwa ku wa gatatu 17/04/2013

Abantu barajanye amashurwe hanze y'inzu baroness Thatcher yabamwo mu Londres hagati.

Ibendera ry'Ubwongereza riduga guhika hagati ku biro vy'umushikiranganji wa mbere, 10 Downing Street nahyo inama nshingamateka ikazoterana ku wa gatatu ihagaritse ikiruhuko ca Pasika kugira abasghingamateka baronke umwanya wo guha icubahiro umuhisi Thatcher.

Cameron aho ahagarikiye urugendo yarimwo i Bulaya agaca agaruka i Londres, yavuze ko Lady Thatcher yari ministre wa mbere akunda igihugu n'indongozi ya mbere kurusha izindi mu gihe c'amahoro.

N'ubwo yemeyeko ivyiyumviro vyiwe vyatuma mu haba gucanamwo mu mugabwe, Cameron yavuze ko yatwaye igihugu asanze kiri ku mavi agisiga casubiye guhagarara neza.

Ubuzima bwa MARGARET THATCHER

  • 13 October 1925 - Yavutse yitwa Margaret Hilda Roberts i Grantham, Lincolnshire
  • 1951 - Yubakana na n'umugwizatunga Denis Thatcher
  • 1959 - Aba umushingamateka aserukira Finchley
  • 1970 - Umushikiranganji w'indero
  • 1975 - Atirwa kuba umukuru w'umugambwe w'aba conservateurs
  • 1979 - Aba ministre wa mbere w'Ubwongereza w'umugore
  • 1982 - Intambara ya malouines(Falklands)
  • 1983 - Atorwa kuba ministre wa mbere ubwa kabiri
  • 1984 - Acika kw'icumu mu gitero ca bombe kuri Grand Hotel
  • 1984-5 -Agwanya amashirahamwe y'abakozi muri yegereyegere y'abimba ubutare
  • 1987 - Atsindira ikiringo ca gatatu ca Downing Street
  • 1990 - Atanga imihoho mu mabanga ya ministre wa mbere
  • 1992 - Ava mu mabanga y'umushingamateka
  • 2002 - asezera ubuzima bwa politike
  • 8/4/2013 - Arapfa ahitanwe n'ingorane y'amaraso yahagaze gushika mu mutwe(stroke)

Abandi bamusubiriye ni Sir john Major, Tony Blair na Gordon Brown, barashimagiza inguvu za kamere yiwe n'ico yaharabira muri politike mu gihe umukuru wa Labour Ed Milliband yavuze ko lady Thatcher yabaye yabaye umuntu atawundi basa yatumye politike ihinduka ku myaka irenga 25.

Umukuru wa Amerika barack Obama yavuze ko 'Amerika ibuze umugenzi w'ukuri ' nawe ministre w'Ubudagi akaba yavuze ko atazokwibagirwa uruhara rwiwe mu guhangana n'kutumvikana i Bulayua hamwe n'igihe harangira ico bise intambara ikanye(Cold War canke Guerre Froide)

Ariko abamunegura baranenga ingaruka za politike ziwe ku butunzi n'imibano , nk'umukuru wa Labour Lord Kinnock yatinsinze mu matora avuga ko zabaye' akaga ku Bwongereza'.

Margaret Thatcher yarashize amashirahamwe menshi ya leta mu minwe y'abikorera ivyabo, zana ubutunzi bushingiye kw'ihiganwa ry'amasoko, ingendo yakurikiwe n'ibindi bihugu vyinshi kw'isi.

Ariko ingene yagwanije uruhara rw'amashirahamwe y'abakozi akongera agahangana na yegereyegere 'abimba ubutare, bikunyurwa n'uko urugero rw'abatagira akazi rwiyongeye, vyatumye aba umuntu yankwa cane ku ruhande rw'aba socialistes(gauche).

Mw'itaganzo, Ishirahamwe ry'abimba ubutare ryavuze ko lady Thatcher yafashe ingendo yo gufashe inyungu z'abantu bari kun rushi' ivyo bikaba vyatumye igisata c'ukwimba amakara y'amabuye(charbon) gipfa.

Mu myaka yiwe ya nyuma y'ubutegetsi leta ya Lady Thatcher yashinze iciswe ''poll tax' catumye haba imigumuko myinshi.

Ukutemera ukuja hamwe kw'ibihugu vya Bulaya vyatumye bamwe mu bashikiranganji biwe bamuvako aca abura abamushigikira bakwiye mu bashingamateka mu ngungga ya mbere yo gutora indongozi y'aba conservateurs aho yahiganwa na Michael Heseltine. Lady Thatcher yatanze imihoho aca asezera Downing Street ku wa 28/11/1990.

BBC © 2014 BBC ntabwo yishingiye ibibera hanze y'imbuga zayo.

Uru rupapuro ruboneka neza ukoresheje amashakiro mashyashya ya CSS. Mugihe amashakiro yawe adakorana na CSS ntushobora kubona ibiri kuri uru rupapuro byose cyangwa neza. Niba bishoboka shakisha amashakiro mashyashya ya software cyangwa CSS niba washobora kubikora.