Boko Haram yanse ikigongwe ca Goodluck Jonathan

Ibiherutse kuvugururwa: 11 ukwa kane, 2013 - 15:59 GMT
Umukuru wa Boko Haram, Abubakar Shekau

Umukuru wa Boko Haram, Abubakar Shekau

Umugwi wa ki Islam wo muri Nigeria, Boko Haram, wanse iciyumviro c'ikigongwe cashikirijwe n'umukuru w'igihugu Goodluck Jonathan.

Mw'ijambo ryafashwe mu majwi, umukuru w'uwo mugwi, Abubakar Shekau, yavuze ko ata kabi bakoze, ngo rero nta kigongwe bakeneye.

Mu ndwi iheze bwana Jonathan yashizeko umugwi wo kwihweza ukuntu ico kigongwe cotangwa, nyuma y'aho abakuru b'amadini mu buraruko bwa Nigeria bavugiye ko ibikorwa vy'igisirikare ata mahoro biriko birazana.

Kuva mu mwaka w'2009, Boko Haram yakoze ubwicanyi mu bice vyo mu buraruko bwa Nigeria, bukaba bumaze guhitana abantu bashika ku bihumbi bibiri.

BBC © 2014 BBC ntabwo yishingiye ibibera hanze y'imbuga zayo.

Uru rupapuro ruboneka neza ukoresheje amashakiro mashyashya ya CSS. Mugihe amashakiro yawe adakorana na CSS ntushobora kubona ibiri kuri uru rupapuro byose cyangwa neza. Niba bishoboka shakisha amashakiro mashyashya ya software cyangwa CSS niba washobora kubikora.