G-8 yiyemeje kurwaniriza hamwe gusambanya ku nguvu mu ntambara

Ibiherutse kuvugururwa: 11 ukwa kane, 2013 - 13:35 GMT
Gusambanya ku nguvu mu buseruko bwa Kongo birimonogoje

Gusambanya ku nguvu mu buseruko bwa Kongo birimonogoje

Umugwi G-8 w'ibihugu umunani bikize kurusha ibindi kw'isi, mu nama urimwo i Londres, ku nshuro ya mbere wemeye gukorera hamwe mu kurwanya gusambanya ku nguvu bibera mu ntambara.

Aho yamanyesha ivyo yise amasezerano agiye mu mateka, umushikiranganji w'Ubwongereza ajejwe imigenderanire, William Hague, yavuze ko abashikiranganji b'imigenderanire b'ibihugu vya G-8 bemeje ko gusambanya ku nguvu bihonyanga amasezerano ya Geneve yerekeye intambara.

Yongeyeko yuko ibihugu vyose bifise inshingano yo gukurikirana abakora ico caha.

G-8 yaciye yemera gutanga amahera angana imiriyoni 35 z'ama dollar yo guterera mu migambi yo kurwanya gusambanya ku nguvu.

Abashikiranganji bajejwe imigenderanire ba G-8 bemeje kandi ko ata kigongwe kigomba kubaho mu masezerano y'amahoro, kubagirizwa ivyo vyaha.

ONU ntiyasigaye inyuma

Kare intumwa ya ONU mu bijanye no kurwanya gusambanya ku nguvu mu ntambara yabariye BBC ko yiyemeje kurwanya ubwo bubisha bukorwa n'abasirikare hamwe n'abarwanyi muri Kongo.

Zainab Bangura yavuze ko abarwanyi bafata abantu ku nguvu bakabasambanya, bagomba gutohozwa, bagakurikiranwa mu butungane kandi bagapfungwa.

Yavuze ko umukuru w'igihugu wa republika iharanira intwaro rusangi ya Kongo, Joseph Kabila, yamwemereye ko abarwanyi bazoja bagirizwa ico caha batazoja bashirwa mu nzego za leta zijejwe umutekano.

Umupfasoni Bangura yavuze ko benshi mu bahohoterwa mu buseruko bwa Kongo ari bana, barimwo n'inzoya.

BBC © 2014 BBC ntabwo yishingiye ibibera hanze y'imbuga zayo.

Uru rupapuro ruboneka neza ukoresheje amashakiro mashyashya ya CSS. Mugihe amashakiro yawe adakorana na CSS ntushobora kubona ibiri kuri uru rupapuro byose cyangwa neza. Niba bishoboka shakisha amashakiro mashyashya ya software cyangwa CSS niba washobora kubikora.