MSF itunga urutoke leta ya Nigeria

Ibiherutse kuvugururwa: 12 ukwa kane, 2013 - 14:13 GMT
Aho bimba inzahabu bakoresheje plomb muri Nigeria

Aho bimba inzahabu bakoresheje plomb muri Nigeria

Ishirahamwe ry'abagiraneza, MSF (Medecins Sans Frontiere), ryagirije leta ya Nigeria kuba ata kanini ikora mu kugarukira ku banyagihugu b'i Zamfara bageramiwe n'ubumara.

Abana barenga amajana ane na mirongo itanu baramaze guhitanwa n'uburozi buva mu butare bwa plomb mu myaka ine iheze; abandi ibihumbi nabo ubu bariko baravurwa.

Abanyagihugu bakoresha plomb irimwo ubumara bukabije mu kwimba inzahabu mu birombwe vyabo, bigaca bicafuza ubutaka bukikuje imihana yabo.

MSF ibaza igituma leta itarungitse abahinga n'abaganga ngo bakemure ico kibazo.

Leta ivuga ko iriko irakora ivyo ishoboye, igashira amakosa ku banyagihugu ivuga ko bimba ubutare bidaciye mu mategeko.

BBC © 2014 BBC ntabwo yishingiye ibibera hanze y'imbuga zayo.

Uru rupapuro ruboneka neza ukoresheje amashakiro mashyashya ya CSS. Mugihe amashakiro yawe adakorana na CSS ntushobora kubona ibiri kuri uru rupapuro byose cyangwa neza. Niba bishoboka shakisha amashakiro mashyashya ya software cyangwa CSS niba washobora kubikora.