Al Shabab yagavye igitero i Mogadisho kitaheruka

Ibiherutse kuvugururwa: 14 ukwa kane, 2013 - 21:10 GMT
Kimwe mu bibanza vyagabwemwo ibitero i Mogadishu

Kimwe mu bibanza vyagabwemwo ibitero i Mogadishu

Abarwanyi ba al Shabab bagavye igitero ca mbere gikomeye ku murwa mukuru wa Somalia, Mogadishu, kuva bahirukanywe mu kw'umunani 2011.

Abarwanyi icenda bahutse ikibanza cuzuye abantu gikoreramwo sentare bica abantu benshi.

Baciye bahangana n'abajejwe umutekano, mu nyuma umwe mu bashikiranganji aza kuvuga ko abo barwanyi bose bishwe.

Batandatu muri bo baturikije ibisasu bari bambaye mu mpuzu, kandi Al Shabab yavuze ko yapfishije batandatu gusa.

Habaye ikindi gitero mu gisagara, aho umwiyahuzi yaturikije igisasu ku biro vy'ishirahamwe ry'abagirianeza ryo muri Turkiya, hapfa abantu batanu.

Abanyamakuru bari i Mogadishu bavuga ko al-Shabab, naho yatswe ahantu hanini yari yigarurire, ngo iracashoboye kugaba ibitero biteguye neza kandi birimwo ukurinda gukomeye.

BBC © 2014 BBC ntabwo yishingiye ibibera hanze y'imbuga zayo.

Uru rupapuro ruboneka neza ukoresheje amashakiro mashyashya ya CSS. Mugihe amashakiro yawe adakorana na CSS ntushobora kubona ibiri kuri uru rupapuro byose cyangwa neza. Niba bishoboka shakisha amashakiro mashyashya ya software cyangwa CSS niba washobora kubikora.