Venezuela: Amatora yo gusubiriza Chavez

Ibiherutse kuvugururwa: 14 ukwa kane, 2013 - 11:52 GMT
Amatora muri Venezuela

Amatora muri Venezuela

Abanyagihugu ba Venezuela bari mu matora yo gusubiriza umukuru w'igihugu, Hugo Chavez, yashengeye mu kwezi guheze.

Umukuru w'igihugu mfatakibanza, Nicolas Maduro, yatowe na bwana Chavez ngo amusimbure, ahiganwa na Henrique Caprilles muri aya matora.

Bwana Capriles yarushijwe gato na bwana Chavez mu matora y'umukuru w'igihugu yo mu mpera z'umwaka uheze.

Yiyemeje kuzana amahinduka muri ico gihugu gifise ubutunzi bw'ibitoro, ariko hakaba ubudasa bunini mu bantu, ibiciro vy'ibigurwa bikaba ari umurengera, ivyo kurya birakenye kandi umuyagankuba uza uracika.

Bwana Maduro, wewe ukwiyamamaza kwiwe kwibanda ku bucuti bwiwe na Hugo Chavez, akaba yariyemeje kubandanya amahinduka yatangujwe n'umuhisi.

BBC © 2014 BBC ntabwo yishingiye ibibera hanze y'imbuga zayo.

Uru rupapuro ruboneka neza ukoresheje amashakiro mashyashya ya CSS. Mugihe amashakiro yawe adakorana na CSS ntushobora kubona ibiri kuri uru rupapuro byose cyangwa neza. Niba bishoboka shakisha amashakiro mashyashya ya software cyangwa CSS niba washobora kubikora.