WB:Ubutunzi bwa Afrika burater'imbere

Ibiherutse kuvugururwa: 15 ukwa kane, 2013 - 14:20 GMT

Umwimbu w'itomati

Mu cegeranyo cayo ibanki y'isi yose iravuga ko muri Afrika yo munsi y'ubugararwa bwa Sahara, ubutunzi bushobora kwiyongera ko 5% hejuru y'urugero rusangi mu myaka ibiri iri imbere.

Ibi ngo vyaturutse ku biciro vy'ibifungurwa vyiyongereye kw'isi, n'uburyo bw'abaguzi bwateye intambwe muri Afrika.

Ibi ngo vyerekana ko Ubutunzi bwa Afrika aribwo bufise umuvuduko wa mbere munini mu guter'imbere ugereranije n'ahandi mw'isi.

Ariko rero ibanki y'isi yose ivuga ko hatariko harakorwa ibikwiye mu kugabanya ubukene.

Ibanki y'isi itera akamo ama leta ngo asabikanye ubutunzi buva mabuye y'agaciro neza, kandi ateze imbere uburimyi.

BBC © 2014 BBC ntabwo yishingiye ibibera hanze y'imbuga zayo.

Uru rupapuro ruboneka neza ukoresheje amashakiro mashyashya ya CSS. Mugihe amashakiro yawe adakorana na CSS ntushobora kubona ibiri kuri uru rupapuro byose cyangwa neza. Niba bishoboka shakisha amashakiro mashyashya ya software cyangwa CSS niba washobora kubikora.