Mubarak ntagipfungiwe icaha c'ubwicanyi

Ibiherutse kuvugururwa: 15 ukwa kane, 2013 - 18:17 GMT

Hosni Mubarak

Sentare isubiramwo mu Misiri yategetse ko Mubarak atokomeza gupfungwa azira urupfu rw'abagiye mu myiyerekano mu 2011.

Ariko kubera Mubarak akiriko arakorwako itohoza ku bindi vyaha, azokomeza apfunze vy'agateganyo.

Sentare isubiramwo yemera kandi ko imyaka ibiri Mubarak atari kurenza apfunzwe ataracirwa urubanza, ubu yarangiye.

Bwana Mubarak yaraburanijwe, arakatirwa, ariko rero yongera kunguruza, ingingo yari yafatiwe ku kibazo c'abantu bishwe mu mabarabara ya Cairo mu myiyerekano yo kumwiyamiriza, iza guhinduka.

BBC © 2014 BBC ntabwo yishingiye ibibera hanze y'imbuga zayo.

Uru rupapuro ruboneka neza ukoresheje amashakiro mashyashya ya CSS. Mugihe amashakiro yawe adakorana na CSS ntushobora kubona ibiri kuri uru rupapuro byose cyangwa neza. Niba bishoboka shakisha amashakiro mashyashya ya software cyangwa CSS niba washobora kubikora.