Abafaransa bari banyurujwe muri Cameroun barekuwe

Ibiherutse kuvugururwa: 19 ukwa kane, 2013 - 11:26 GMT

Bamwe mu Bafaransa bari banyurujwe muri Cameroun

Abantu indwi b'umuryango w'abafaransa bari banyurujwe muri Cameroun barekuwe, nk'uko vyatangajwe n'ibihugu vyompi.

Minsitre wa Cameroun ajejwe kumenyesha amakuru Issa Tchiroma Bakary yabwiye BBC ko bari bameze neza kandi ata nabi bagiriwe.

Uwo muryango urimwo abana bane wari wanyurujwe mu itariki 19 mu kwezi kwa kabiri n'abantu bafise inkoho bari ku mapikiki igije bari bahejeje gutembera mu kibira c'inyamaswa ca Waza mu buraruko bwa Cameroun.

Mu masanamu yari yashizwe kuri You Tube, umugwi wo muri Nigeria wa Boko Haram wari wavuze ko ariwo wari wabanyuruje.

Umukuru w'ubufaransa Francois Hollande yavuze ko ata ngwati yatanzwe kugira abo bantu barekurwe.

Ariko ngo yemeye ko habaye ibiganiro vyo mu kinyegero kugira abo bantu barekurwe, nk'uko bishikirizwa na Reuters.

Irekurwa ry'abo bantu ryamenyeshejwe kuri Radio Cameroun kuri uyu wa gatanu mu gitondo.

Ibiro vy'umukuru w'igihugu mu Bufaransa vyamenyesheje ko ministre ajejwe imigenderanire yaciye ubwo nyene afata urugendo rwo kuja muri Cameroun gutahukana uwo muryango.

BBC © 2014 BBC ntabwo yishingiye ibibera hanze y'imbuga zayo.

Uru rupapuro ruboneka neza ukoresheje amashakiro mashyashya ya CSS. Mugihe amashakiro yawe adakorana na CSS ntushobora kubona ibiri kuri uru rupapuro byose cyangwa neza. Niba bishoboka shakisha amashakiro mashyashya ya software cyangwa CSS niba washobora kubikora.