Dzhokhar Tsarnaev arindiriye guhatwa ibibazo

Ibiherutse kuvugururwa: 21 ukwa kane, 2013 - 07:25 GMT

Ibitaro vya Beth Israel Deaconess Center, aho Dzhokhar Tsarnaev arwariye

Dzhokhar Tsarnaev, umusore w'imyaka 19, yafatiwe aho yihishe iWatertown yakomeretse cane.

Ubu ari mu bitaro aho acunzwe n'abafise ibirwanisho.

Bulamatari wa Massachusetts Deval Patrick avuga ko nyene kuregwa n'ubwo bimaze kwizerwa ko ashobora kurokoka, atarashobora kuvuga.

Mukuruwe Tamerlan, yapfuye inyuma yo kurasana n'aba polisi.

Abantu batatu barapfuye abandi barenga 170 barakomereka kuber'ibisasu vyatezwe Boston ku munsi wa mbere.

Umupolisi Sean Collier yapfuye ku munsi wa kane azize guhiga abo basore, hari n'uwundi mupolisi w'umushoferi yakomeretse cane.

Kuwa gatandatu perezida Obama yahuye n'abahanuzi biwe mu bijanye n'umutekano bihweze ivyabaye Boston.

Perezida Barack Obama yijejej ko bazorondera inyishu ku kibazo co kumenya impamvu abo basore bateze ivyo bisasu, n'uko boba bafise abo bafatanije.

BBC © 2014 BBC ntabwo yishingiye ibibera hanze y'imbuga zayo.

Uru rupapuro ruboneka neza ukoresheje amashakiro mashyashya ya CSS. Mugihe amashakiro yawe adakorana na CSS ntushobora kubona ibiri kuri uru rupapuro byose cyangwa neza. Niba bishoboka shakisha amashakiro mashyashya ya software cyangwa CSS niba washobora kubikora.