Itali: Perezida Napolitano yongewe ikiringo

Ibiherutse kuvugururwa: 20 ukwa kane, 2013 - 17:18 GMT

Giorgio Napolitano

Giorgio Napolitano ubu afise imyaka 87, yari kurangiza ikiringo ciwe kuwa 15 ukwezi kuza, yavuze ko ashobora gufata ingingo bikenewe, yo guha umwanya wiwe igihugu ciwe.

Inama nshingamateka yari imaze gutora incuro zitanu zose, inanirwa gutora umukuru w'igihugu mushasha.

Amabanga yo kuyobora igihugu kuva mu kwezi kwa kabiri ari mu minwe y'ubutegetsi bw'infatakibanza, kuko atawashoboye gutahukana intsinzi mu matora.

Uko kutagira ubutegetsi kwaje kwongera impungenge kur'ico gihugu c'Ubutaliyano gisanzwe mu bibazo vy'ubutunzi.

Ibihe bitoroshe

Bwana Napolitano yabaye umukuru w'igihugu wa mbere muri kahise k'Ubutaliyano , ashoboye gutorwa ubugira kabiri kuyobora ikiringo c'imyaka 7.

Napolitano yemeye kwitoza amaze kubisabwa n'abarongoye imigambwe ikomeye.

Yar'amaze kurnka amajwi 617 kuri 1007 batoye, ariko guharura amajwi vyari bikindanya.

Yavuze ati:"Nabonye ko ari nkenerwa ko nitoza, sinshobora kwirengagiza igihugu canje".

Abategetsi b'imigambwe ikomeye bari bagaragaje umwitwarariko ku bihe bitoroshe igihugu kirimwo, basaba inama nshingamateka gufatana mu nda mu gutora bwana Napolitano, yemerwa na benshi.

Ejo kuwa gatanu, umukuru Pier Luigi Bersani yemeye ko aca atanga imihoho ubwo nyene habonetse umukuru w'igihugu mushasha.

Bwana Bersani ivyo yabimenyesheje umugambwe wiwe Democratic Party (DP), amaze kubona ko abashingamateka biwe banse gushigikira uwo ashaka ko atorwa nk'umukuru w'igihugu.

Urunani rw'umugambwe wiwe rwananiwe gukwiza amajwi asabwa mu matora yabaye mu kwezi kwa kabiri n'ubwo arirwo rwari rwabaye urwa mbere.

BBC © 2014 BBC ntabwo yishingiye ibibera hanze y'imbuga zayo.

Uru rupapuro ruboneka neza ukoresheje amashakiro mashyashya ya CSS. Mugihe amashakiro yawe adakorana na CSS ntushobora kubona ibiri kuri uru rupapuro byose cyangwa neza. Niba bishoboka shakisha amashakiro mashyashya ya software cyangwa CSS niba washobora kubikora.