Pakistan: Pervez Musharraf aracapfunzwe

Ibiherutse kuvugururwa: 20 ukwa kane, 2013 - 07:27 GMT

Pervez Musharraf, n'uyu w'iburyo

Musharraf, yatwaye Pakistan hagati ya 1999 na 2007, yafashwe ejo kuwa gatanu.

Sentare nkuru yashinze ko ivyaha aregwa biri ku rugero rw'ivyaha vy'iterabwoba, itegeka ko aja kuburanishwa muri sentare yagenewe ivyaha vy'iterabwoba Islamabad.

Bwana Musharraf avuga ko urubanza rwiwe rufise imvo za politique.

Mu kwezi guheze Musharraf yagarutse muri Pakistan avuye mu buhungiro, afise icizere co guserukira umugambwe All Pakistan Muslim League (APML), mu matora yo mu kwezi kuza.

Ariko rero ntiyemerewe kwiyandikisha mur'ayo matora.

Ivyaha yagirizwa bifitanye isano n'ingingo yafashe mu 2007 yo guhagarika abacamanza, harimwo n'umushikirizamanza mukuru Mohammad Iftikhar Chaudhry, igihe yashiraho amategeko nk'ayo igihugu kiri mu bihe bidasanzwe.

Bwana Musharraf afise n'ibindi vyaha bimukurikirana, akaba yagerageje kwirinda gutabwa muri yompi kuva agarutse mu gihugu.

Abamwunganira mu mategeko bavuga ko bitazwi neza niba azokomezwa gupfungwa ic'amaso, canke ajanwe mu gasho k'igipolisi canke ndetse mu munyororo.

Umuvugizi w'umugambwe wiwe APML, Muhammed Amjad avuga ko bwana Musharraf azokunguruza urubanza muri sentare nkuru.

Aba Taliban bo muri Pakistan nabo nyene barahize ko bazokwica Musharraf yafashe ubutegetsi mu 1999.

BBC © 2014 BBC ntabwo yishingiye ibibera hanze y'imbuga zayo.

Uru rupapuro ruboneka neza ukoresheje amashakiro mashyashya ya CSS. Mugihe amashakiro yawe adakorana na CSS ntushobora kubona ibiri kuri uru rupapuro byose cyangwa neza. Niba bishoboka shakisha amashakiro mashyashya ya software cyangwa CSS niba washobora kubikora.