Chine: Abatabara bashoboye gushika ahabaye Nyamugigima

Ibiherutse kuvugururwa: 21 ukwa kane, 2013 - 19:53 GMT

Abatabara bateruye umusaza batoye mu nzu yabomotse

Abajejwe gutabara bashoboye kuduga n'amaguru mu bice bimwe vya kure mu gace ka Baoxing, ahari abakomerekejwe na nyamugigima.

Amabarabara yazibiwe n'ibihomoka vy'imisozi yasidutse.

Gutumatumanako hamwe ntibishoboka, ku buryo ivyononekaye bitaramenyekana neza.

Ibinyamakuru vya leta bivuga ko hamaze kumenyekana abantu 207 bapfuye, abandi 11500 bagakomereka, barimwo 960 bababaye cane.

Amakanda y'aho iyo nyamugigima yaciye yumvikanye incuro zirenga 1300, bituma abantu baguma bafise ubwoba, n'ahari hase imigaga hatera habomoka.

Imirongo y'imodokari n'urutavanako mu mabarabara agishobora guhita, zitwaye infashanyo n'abagiye gutabara

Abasirikare bagenze ijoro ryose baja kuvura abakomeretse, ababa mur'ako gace baraye mu mahema canke mu modokari zabo.

Umukuru wa leta y'ubushinwa Li Keqiang, yagiye kuraba ivyo bikorwa vy'ubutabazi, avuga ko arico gikorwa bashize imbere.

Ibirwati vyegereye Lushan vyasigaye ari ibihomoka gusa gusa.

Iyindi nyamugigima y'umurindi wa 8.0 yigeze guca aho Sichuan mu 2008 aho yahitanye ico gihe abantu 90.000.

BBC © 2014 BBC ntabwo yishingiye ibibera hanze y'imbuga zayo.

Uru rupapuro ruboneka neza ukoresheje amashakiro mashyashya ya CSS. Mugihe amashakiro yawe adakorana na CSS ntushobora kubona ibiri kuri uru rupapuro byose cyangwa neza. Niba bishoboka shakisha amashakiro mashyashya ya software cyangwa CSS niba washobora kubikora.