Inyubakwa yahitanye abarenga 100 muri Bangladesh

Ibiherutse kuvugururwa: 24 ukwa kane, 2013 - 14:44 GMT

Inyubakwa yahenutse Dhaka

Abategetsi ba Bangladesh bavuga ko inyubakwa y'amagiorofa munani yaguye ku bantu, ihitana abrenga 100, mu nkengera z'umurwa mukuru Dhaka.

Umunyamakuru wa BBC ari aho iyo nyubakwa yaguye avuga ko bakiriko barakura bantu mu bihomoka.

Ariko hari benshi bakigomye mu bivunji vy' iyo nyubakwa yakorerwamwo ibikorwa bitandukanye.

Igipolisi kivuga ko nyene yo (Rana Plaza in Savar) yari yabonye umugaga munini ejo ariko yirengagiza amakenga y'abakozi baho.

Inyubwa zirakunze guhenukira ku bantu muri Bangladesh aho usanga inyubakwa z'amagorofa maremare zubakwa hadakurikijwe amategeko.

Iyo nyubakwa y'amagorofa munani yasidutse yarimwo ihinguriro ry'impuzu, ibanki n'amaduka menshi.

Yasidutse mu masaha yo mu gatondo mu masaha abantu bariko bihuta baja ku mirimo.

Abantu benshi bashengereye ngaho barondera kumenya amakuru ya bagenzi babo.

BBC © 2014 BBC ntabwo yishingiye ibibera hanze y'imbuga zayo.

Uru rupapuro ruboneka neza ukoresheje amashakiro mashyashya ya CSS. Mugihe amashakiro yawe adakorana na CSS ntushobora kubona ibiri kuri uru rupapuro byose cyangwa neza. Niba bishoboka shakisha amashakiro mashyashya ya software cyangwa CSS niba washobora kubikora.