Italie: Enrico Letta yasabwe kugena bagize leta

Ibiherutse kuvugururwa: 24 ukwa kane, 2013 - 15:23 GMT

Enrico Letta

Enrico Letta, icegera c'umukuru w'umugambwe "Democratic Party" ntafise igikorwa coroshe mu gushinga ubutegetsi buhurikiyemwo bose.

Enrico Letta, agiye kuba umushikiuranganji wa mbere avuga kandi ko yumva uburemere bw' ico gikorwa yahawe.

Bwana Letta, afise imyaka 46, avuga ko ko ibihe igihugu ciwe kirimwo bihambaye kandi ar'ivyo kwitonderwa.

Abihweza utuntu n'utundi bavuga ko bizeye ko ashobora kwiyegereza impande zose za politike muri Butaliyano.

Perezida w' Ubutaliyano Giorgio Napolitano, yagabishije ko azoca atanga imihoho mu gihe ata butegetsi bwoshingwa.

BBC © 2014 BBC ntabwo yishingiye ibibera hanze y'imbuga zayo.

Uru rupapuro ruboneka neza ukoresheje amashakiro mashyashya ya CSS. Mugihe amashakiro yawe adakorana na CSS ntushobora kubona ibiri kuri uru rupapuro byose cyangwa neza. Niba bishoboka shakisha amashakiro mashyashya ya software cyangwa CSS niba washobora kubikora.