Igitero ku biro vy'iserukira ubufaransa iTripoli.

Ibiherutse kuvugururwa: 24 ukwa kane, 2013 - 09:48 GMT

Abantu bahagaze imbere y'ibiro vy'Ubufaransa iTripoli

Igisasu ceturikiye hafi y'ibiro vy'uhagarariye Ubufaransa muri Tripoli cononye uruhande rw'imbere, n'ikibambazi, kumwe n'amazu n'amaduka y'iruhande.

Perezida w'ubufaransa Francois Hollande yasavye Libya kugira ico ikoze mu maguru masha kur'ico gitero avuga kio kidakwiye kwihanganirwa.

Iki kibaye igitero ca mbere gikomeeye, ku biro vy'abaserukira ibihugu mu murwa mukuru wa Libya.

Cabaye mu masaha ya kare mu gatondo, mu gace k'umuji wa Tripoli gakize.

Umwe mu bafaransa bahacunga yakomeretse cane, abandi bafise ibikomere bitari binini.

Perezida Francois Hollande avuga kw'ico gitero cari kigambiriye amakungu yose afatanije urugamba rwo kurwanya iterabwoba.

BBC © 2014 BBC ntabwo yishingiye ibibera hanze y'imbuga zayo.

Uru rupapuro ruboneka neza ukoresheje amashakiro mashyashya ya CSS. Mugihe amashakiro yawe adakorana na CSS ntushobora kubona ibiri kuri uru rupapuro byose cyangwa neza. Niba bishoboka shakisha amashakiro mashyashya ya software cyangwa CSS niba washobora kubikora.