ONU yemeje kurungika inteko muri Mali

Ibiherutse kuvugururwa: 26 ukwa kane, 2013 - 08:28 GMT

Inteko za AFISMA

Inteko z'ishirahamwe ONU zizorungikwa muri Mali zizoba zigizwe n'abasirikare 12600, barimwo 6000 bo mu bihugu vya Afrika y'uburengero basanzwe muri Mali.

Ingingo y'inama y'umutekano kw'isi yemejwe, yavuye ku cifuzo c'Ubufaransa, bwarungitse ingabo mu kwezi kwa mbere gukura abarwanyi b'aba ilslam mu buraruko bwa Mali.

Abasirikare ONU iteganya kurungika bazoshika muri Mali imbere y'amatora ateganijwe mu gihugu cose.

Ingabo z'Ubufaransa zigera ku 1000 zizogumayo, kugira zifashe bibaye nkenerwa kurwanya imirwi ifitanye ubucuti na Al-Qaeda.

Umunyamakuru wa BBC Alex Duval ari Bamako, avuga ko ubutumwa bw'izo ngabo za ONU butazoba ari guhagararira amahoro nk'uko vyitwa gusa kuko kugez'ubu ata masezerano y'amahoro yashizweko igikumu bazoba bagiye kubahiriza muri Mali.

Imirwi igendera ku matwara ya ki islam yikinze mu kiza mu gihe ubutegetsi bwatembagazwa mu kwezi kwa gatatu umwaka uheze, zigarurira uburaruko bwa Mali, aho zishaka gushiraho amategeko ya sharia.

Imiji yo mu buraruko yagaruwe n'ingabo z'Ubufaransa ariko hari hamwe abo bwanyi bacihishe mu bugararwa.

Ubufaransa bwaratanguye gukura zimwe mu ngabo zabwo zigera ku 4000 bwari bwarungitse muri Mali kuva mu ntango z'uku kwezi.

Bukomeza ariko guhimiriza ONU gukoirera mu ngata izo mu karere ka Afrika y'uburengero AFISMA.

Tchad, igihugu gifise abasirikare bamenyereye kurwanira mu bugararwa, bivurwa ko aribo bashoboye kurusha abandi bari muri Mali guhangana n'imirwi iyirwanya.

Ico gihugu naco ariko gitanguye gukura abasirikare baco muri Mali, kivuga ko umurimo wabo warangiye, n'ubwo ingabo za Tchad zishobora kuja mu nteko za ONU.

BBC © 2014 BBC ntabwo yishingiye ibibera hanze y'imbuga zayo.

Uru rupapuro ruboneka neza ukoresheje amashakiro mashyashya ya CSS. Mugihe amashakiro yawe adakorana na CSS ntushobora kubona ibiri kuri uru rupapuro byose cyangwa neza. Niba bishoboka shakisha amashakiro mashyashya ya software cyangwa CSS niba washobora kubikora.