Umuriro wahitanye abantu mubitaro mu Burusiya

Ibiherutse kuvugururwa: 26 ukwa kane, 2013 - 08:48 GMT

Ahatewe n'umuriro mu Burusiya

Umuriro wadutse mu bitaro nimero 14 vya Ramenskiy mu ntara ya Moscow, watanguye igihe c'isaha umunani z'ijoro zaho.

Abenshi mu bahasize ubuzima bikekwa ko ari abo mu micungararo yaho, kandi birakekwa ko boba basumba igitigiri kimaze kumenyekana.

Icateye uwo muriro kiracatohozwa, ariko har'ibimaze kuvugwa ko ari umuyagankuba woba wawuteye.

Amakuru ya mbere yatangajwe yavuga ko uwo muriro wahitanye abantu 38 barimwo abakozi babiri.

Abajejwe kuzimya mu nyuma bashoboye guhosha uwo muriro, batora ibiziga 12.

Amajambo y'umwe mu bategetsi baho yavuze ko amadirisha yose apfunze n'imiringa y'ivyuma, kandi ko benshi mu bahasize ubuzima basanze baguye mu bitanda vyabo.

Umuforoma yashoboye kurokora babiri mu barwayi.

Bikekwako abantu 41 boba bari muri ivyo bitaro igihe uwo muriro waduka.

BBC © 2014 BBC ntabwo yishingiye ibibera hanze y'imbuga zayo.

Uru rupapuro ruboneka neza ukoresheje amashakiro mashyashya ya CSS. Mugihe amashakiro yawe adakorana na CSS ntushobora kubona ibiri kuri uru rupapuro byose cyangwa neza. Niba bishoboka shakisha amashakiro mashyashya ya software cyangwa CSS niba washobora kubikora.