Syria irakekwamwo ibirwanisho vy'uburozi

Ibiherutse kuvugururwa: 26 ukwa kane, 2013 - 15:23 GMT

Syria irakekwamwo ibirwanisho vy'uburozi

David Cameron avuga ko Syria yarenze akarimbi mu gukoresha ibirwanisho vy'ubumara, ko rero amakungu akwiye kurushaho gutabara Syria.

Ariko bwana Cameron avuga ko atifuza kubona ingabo z'Ubwongereza zija kurwana muri Syria.

Ishirahamwe mpuzamakungu ryasavye ko hoba itohoza ku vyavurwa ko hakoreshejwe ibirwanisho vy'ubumara muri Syria.

Hagat'aho ishirahamwe rijejwe impunzi kw'isi rivuga ko ubwinshi bw'impunzi z'abanya Syria mu bihugu bibanyi, buteza ibibazo bijanye n'amagara, bituma bataronka uburyo bukwiye bwo kwitabwaho.

HCR iravuga kw'igitigiri c'impunzi kimaze kugera kuri miliyoni n'ibihumbi amajan ane.

Ariko ngo imaze kuronka infashanyo igera kuri 55% y'aiyo bakeneye mu kubitaho.

BBC © 2014 BBC ntabwo yishingiye ibibera hanze y'imbuga zayo.

Uru rupapuro ruboneka neza ukoresheje amashakiro mashyashya ya CSS. Mugihe amashakiro yawe adakorana na CSS ntushobora kubona ibiri kuri uru rupapuro byose cyangwa neza. Niba bishoboka shakisha amashakiro mashyashya ya software cyangwa CSS niba washobora kubikora.