Papa Francis: Abaguye i Bangladesh bakora nko mu buja

Ibiherutse kuvugururwa: 1 ukwa gatanu, 2013 - 14:03 GMT
Papa Francis

Papa Francis

Umwungere wa ekleziya Gatolika, Papa Francis, yavuze ko abakozi baguye mu ruganda i Dhaka muri Bangladesh mu ndwi iheze bakora mu buja.

Mu misa asanzwe asoma mu gitondo i Vatikano, Papa yavuze ko yababajwe cane n'umurongo utanguza inkuru y'ikinyamakuru, wavuga ko abo bakozi bahembwa ama dolari mirongo itanu gusa ku kwezi.

Papa yavuze ko guharanira inyungu gusa hako woronsa abantu umushahara ubatunga, bihushanye n'ivyo Imana ishaka.

Mu nyuma, mw'ijambo yashikirije abaje gushengera ikibanza ca St Pierre, yahamagariye abanye politike b'i Buraya, gukora ivyo bashoboye vyose bakagwiza akazi.

Ibi abivuze mu gihe hari umwidogo mwinshi utewe n'uko ubushomeri bubandanya kwiyongera mu bihugu nk'Ubutariyano, Espagne n'Ubugiriki.

BBC © 2014 BBC ntabwo yishingiye ibibera hanze y'imbuga zayo.

Uru rupapuro ruboneka neza ukoresheje amashakiro mashyashya ya CSS. Mugihe amashakiro yawe adakorana na CSS ntushobora kubona ibiri kuri uru rupapuro byose cyangwa neza. Niba bishoboka shakisha amashakiro mashyashya ya software cyangwa CSS niba washobora kubikora.