Koreya ya ruguru yakatiye Umunyamerika imyaka 15

Ibiherutse kuvugururwa: 2 ukwa gatanu, 2013 - 05:30 GMT

Bae Kenneth, yafatiwe muri Korea ya ruguru

Itangazo ryaciye mu kinyamakuru ca leta ca Korea ya ruguru KCNA, rimenyesha ko Pae Jun-ho, azwi muri Amerika kw'izina rya Kenneth Bae, yakatiwe kuwa 30/04/2013.

Yafashwe umwaka uheze mu kwa cumi na rimwe, yinjiye mu gihugu nk'umukerarugendo.

Leta ya Pyongyang imenyesha ko yagirizwa ivyaha vyo kurwanya ubutegetsi.

Ibi bije mu gihe imigenderanire hagati ya Korea ya ruguru na leta zunze ubumwe za Amerika isanzwe itifashe neza; kuva aho Korea ya ruguru igerageje incuro gatatu, ibisasu vyayo vya missile.

Ibinyamakuru vya Korea ya ruguru mur'iyi ndwi vyatangaje ko bwana Pae yiyemereye ivyaha aregwa birimwo gushaka gutembagaza ubutegetsi.

Sentare nkuru y'igihugu yamukatiye imyaka cumi n'itanu y'ibikorwa biruhisha.

Bwana Pae w'imyaka 44, yinjiye muri Korea ya ruguru mu kwa 11 umwaka uheze aho yafatiwe ku kivuko co mu muji wa Rason, agace gakomeye mu butunzi bwa Korea ya ruguru, kari hafi y'urubibe n'Ubushinwa.

BBC © 2014 BBC ntabwo yishingiye ibibera hanze y'imbuga zayo.

Uru rupapuro ruboneka neza ukoresheje amashakiro mashyashya ya CSS. Mugihe amashakiro yawe adakorana na CSS ntushobora kubona ibiri kuri uru rupapuro byose cyangwa neza. Niba bishoboka shakisha amashakiro mashyashya ya software cyangwa CSS niba washobora kubikora.