FBI yerekanye amafoto y'abateye Benghazi

Ibiherutse kuvugururwa: 2 ukwa gatanu, 2013 - 05:03 GMT

Ambassadeur Chris Stevens yahitanywe n'igitero ca Benghazi

FBI imenyesha ko abantu batatu yatangaje amafoto boshobora gutanga amakuru y'ivyabaye mu gitero c'iBenghazi, ariko ntiyemeza ko ibakeka.

kuwa 11 z'ukwezi kw'icenda, igitero cagabwe Benghazi cahitanye userukira Leta Zunze Ubumwe za Amerika muri Libya Chris Stevens n'abandi banyamerika batatu.

Aba Republicains mu nama nshingamateka bakomeza kubaza ubutegetsi bwa perezida Obama ku bijanye n'ingingo z'umutekano zariho imbere y'ico gitero.

FBI ubu iriko isaba abanyalibya n'abandi hirya no hino kw'isi ivyo boba bazi kur'ico gitero, nk'uko biri mw'itangazo basohoye mu congereza no mu carabu.

BBC © 2014 BBC ntabwo yishingiye ibibera hanze y'imbuga zayo.

Uru rupapuro ruboneka neza ukoresheje amashakiro mashyashya ya CSS. Mugihe amashakiro yawe adakorana na CSS ntushobora kubona ibiri kuri uru rupapuro byose cyangwa neza. Niba bishoboka shakisha amashakiro mashyashya ya software cyangwa CSS niba washobora kubikora.