Kenya: Umurwi ujejwe ukuri waraburagijwe

Ibiherutse kuvugururwa: 2 ukwa gatanu, 2013 - 13:55 GMT

Ibendera ya Kenya

Umurwi w'ukuri, kurekuriranira n'ubutungane wari wagenywe ngo utohoze ku muzi w'indyane, zirimwo izifatiye ku matongo, n'ubwicanyi bufatiye kuri politike.

Ariko uwo murwi ntiwashoboye gushikiriza icegeranyo cawo perezida Uhuru Kenyatta.

Uhuru Kenyatta asanzwe ariko akurikiranwa na sentare mpuzamakungu mpanavyaha ku ruhara akekwako mu ndyane zakurikiye amatora yo mu 2007.

Hari n'ibivurwa ko uwo murwi woba warasanze umuryango wa Kenyatta waragize uruhara mu kunyaga amatongo.

Umunsi ntarengwa wo gushikiriza ico cegeranyo, n'ejo ku munsi wa gatanu.

BBC © 2014 BBC ntabwo yishingiye ibibera hanze y'imbuga zayo.

Uru rupapuro ruboneka neza ukoresheje amashakiro mashyashya ya CSS. Mugihe amashakiro yawe adakorana na CSS ntushobora kubona ibiri kuri uru rupapuro byose cyangwa neza. Niba bishoboka shakisha amashakiro mashyashya ya software cyangwa CSS niba washobora kubikora.