Chelsea: Jose Mourinho ntarafata ingingo yo kuva muri Real Madrid

Ibiherutse kuvugururwa: 3 ukwa gatanu, 2013 - 14:00 GMT
Jose Morinho

Morinho ntarafata ingingo yo kugaruka muri Chelsea

Umumemyereza wa Real Madrid Jose Morinho avuga ko aratafata ingingo yo kuva muri Real Madrid ikiringo c'ubu ni cahera n'ubwo hari abaguma bavuga ko yoba yaramaze kwemera kugaruka muri Chelsea.

Chelsea banse kugira ico bavuze ko biguma bivugwa ko uwo mu nye Portugal azokwemeza ko agarutse kumenyereza uwo mugwi kw'itariki imwe y'ukwezi kw'indwi.

Morinho afise imyaka 50 yavuze ati: ''Iyo mfashe ingingo kuri kazoza kanje, umugore n'abana banje niboi batangura kubimenya, hanyuma umukuru n'umunyamabanga mukuru''

''Sindafata ingingo yo kugenda. Ngiye, nta nsiguro nzotanga''

Morinho, yari amaze kuvuga ko afise icifuzo co gusubira muri Premier League, yangeyeko ati: ''ndiko ndakorana ubukerebutsi n'ubuhinga bwose kandi ndacafise iteka n'ukunezerwa mu gukorana n'uwu murwi nk'uko vyari bimeze haraheze ukwezi canke abiri''

"I haven't decided to leave. If I go, I will not give explanations."

''Tozovuga ivyerekeye kazoza iki kiringo giheze''

"We will speak about the future after the end of the season."

Morinho yavuye muri Chelsea mu kw'icenda mu 2007 kubera kutumvikana na nyene umugwi wa Chelsea Roman Abramovich.

Ariko gushika ubu niwe mumenyereza yashikanye Chelsea kure kurusha abandi aho yatwaye ibikombe bibiri vya Premier League n'ibindi bikombe bitatu vyo mw'ihiganwa ryo mu bwongereza mu biringo bitatu yamaze muri Chelsea.

BBC © 2014 BBC ntabwo yishingiye ibibera hanze y'imbuga zayo.

Uru rupapuro ruboneka neza ukoresheje amashakiro mashyashya ya CSS. Mugihe amashakiro yawe adakorana na CSS ntushobora kubona ibiri kuri uru rupapuro byose cyangwa neza. Niba bishoboka shakisha amashakiro mashyashya ya software cyangwa CSS niba washobora kubikora.