Pakistan: umushikirizamanza mu rubanza rwa Benazir Bhutto yagandaguwe

Ibiherutse kuvugururwa: 3 ukwa gatanu, 2013 - 11:38 GMT

Chaudhry Zulfiqar Ali niwe yari umushikirizamanza mukuru mu rubanza rwa Bhutto n'ibitero vya Mumbai

Abantu bafise inkoho barashe barica umushikirizamanza yakurikirana urubanza rwa Benazir Bhutto yahoze ari umushikiranganji wa mbere wa Pakistan yagandaguwe mu 2007.

Igipolisi kivuga ko Chaudhry Zulfiqar Ali yategewe igihe anyonga imodoka ava imuhira iwe Islamabad aja Rawalpindi aho sentare yari iramutse isubira guhamagaza urubanza rwa Bhutto.

Abapolisi ntibashatse gutangura kwibaza uwoba yamugandaguye.

Chaudhry Zulfiqar Ali ni nawe yari umushikirizamanza mukuru mu rubanza rwerekeye ibitero vyabereye Mumbai mu Buhindi mu 2008.

Uwahoze ari umukuru wa Pakistan Pervez Musharaf yagirijwe kuba yarananiwe no gucungera bikwiye umutekano wa Benazir Bhutto igihe yicwa.

Amatohoza ya ONU yatoye ko igandagurwa rya Bhutto ryari gushobora kutaba kandi ko leta ya Musharaf itari yamucungereye umutekano bikwiye.

BBC © 2014 BBC ntabwo yishingiye ibibera hanze y'imbuga zayo.

Uru rupapuro ruboneka neza ukoresheje amashakiro mashyashya ya CSS. Mugihe amashakiro yawe adakorana na CSS ntushobora kubona ibiri kuri uru rupapuro byose cyangwa neza. Niba bishoboka shakisha amashakiro mashyashya ya software cyangwa CSS niba washobora kubikora.