Syria nico gihugu ca mbere kibangamye ku bamenyeshamakuru

Ibiherutse kuvugururwa: 3 ukwa gatanu, 2013 - 15:38 GMT
Burundi Journalists demo

Abamenyeshamakuru mu Burundi basaba umukuru w'igihugu kutemeza itegeko rishasha bavuga ko ryobaka ubwigenge

Kuri uyu munsi usanzwe wahariwe ubwingenge bwo kumenyesha amakuru, Human Rights Watch na Amnesty International zisanga Syria arico gihugu ca mbere kibangamye ku bamenyeshamakuru.

Ayo mashirahamwe yagiriza leta n'abayigwanya muri Syria kwica abamenyeshamakuru n'ibigirankana aho 36 bamaze kwicwa kuva intambara itanguye harahesze imyaka ibiri.

Amnesty ivuga ko abandi bamenyeshamakuru benshi bafashwe , bakicwa urubozo canke bakaburwa irengero.

Umunsi mpuzamakungu wahariwe ubwigenge bw'abamenyeshamakuru utunganywa na ONU ushimikiye uyu mwaka ku mutekano w'abamenyeshamakuru n'ukuba ibihugu vyinshi bitashira imbere y'ubutungane abantu baba bagirizwa kugirira nabi abamenyeshamakuru.

Mw'itangazo yasohoye, umunyamabanga mukuru wa ONU, Ben Ki Moon yavuze ko hari ingeso yo kudahana aho 90 kw'ijana y'ivyaha vyo kwica abamenyeshamakuru bidahanwa.Yongeye avuga ko abamenyeshamakuru benshi kw'isi baffunzwe bidaciye mu mategeko bakongera bakicwa urubozo , uguterwa igitsure n'ubwoba bidasigaye inyuma.

Syria nico gihugu ca mbere ubu kibangamye cane ku bamenyeshamakuru muri iki gihe. Ishirahamwe Amnesty International ryashingiye ahanini ko co ryita ugushiga aba civils n'ibigirankana harimwo abakora mu kumenyesha amakuru, rikavuga ko ivyo ari ivyaha vyo mu ntambara.

Avuga ko abamenyesha amakuru nk'umwuga n'abayamensha nk'abanegihu basanzwe usanga baronderwa n'impande zompi z'intambara.

Naryo ihwaniro ry'amashirahamwe y'abamenyeshamakuru Federation Internationales des Journalistes ryadomye urutoke ku bihugu birimwo abamenyeshamakuru benshi bari mu munyororo.

Turkia nico kiza imbere aho abamenyeshamakuru barenga 60 barindiriye kurenguka imbere ya sentare.

Ariko no mi Burundi abamenyeshamakauru bavuga ko hamwe umukuru w'igihugu yokwemeza itegeko rishasha rigenga umwuga wabo, boheze bakabangamirwa.

Mu guhimbaza uwo munsi, bagize imyirekano ku murwa mukuru Bujumbura kugira bamusabe kutariterako umunono.

Umuvugizi w'umukuru w'igihugu Leonidas Hatungimana yabwiye BBC ko ari ukuririndira kumenya ico umukuru azokora mu kuriterako igikumu canke kurisubiza mu nama nshingamateka kugira ihinyanyure inngingo yoba abonye ko zikenewe guhindurwa.

Afise iminsi 30 kugira abe yabikoze kuva inama nshingamateka irimurungikiye.

BBC © 2014 BBC ntabwo yishingiye ibibera hanze y'imbuga zayo.

Uru rupapuro ruboneka neza ukoresheje amashakiro mashyashya ya CSS. Mugihe amashakiro yawe adakorana na CSS ntushobora kubona ibiri kuri uru rupapuro byose cyangwa neza. Niba bishoboka shakisha amashakiro mashyashya ya software cyangwa CSS niba washobora kubikora.