del Ponte wa ONU:muri Syria inyeshamba zarakoresheje 'sarin'

Ibiherutse kuvugururwa: 6 ukwa gatanu, 2013 - 12:59 GMT
Carla del Ponte

Carla del Ponte: ''Nabaye k'uwukubiswe n'inkuba aho mboneye ibimenyetso vya mbere ko abagwanya leta bashobora kuba barakoresheje ibigwanisho vy'uburozi

Abahuye n'intambara muri Syria berekana ko abagwanya leta bakoreheje sarin, bumwe mu burozi bukoreshwa nk'ikigwanisho nk'uko bivugwa n'umwe mu bakora amatohoza b'ishirahamwe mpuzamamakungu ONU.

Carla del Ponte yabwiye television yo mu Swisse ko ''hari ubwoba bukomeye kandi bufise ifatiro ariko ata kimenyetso ntahinyuzwa kiraboneka'' ko hakoreshejwe sarin''

Ariko yavuze ko we n'abo bakorana amatohoza batarabona ibimenyetsi ko ingabo za leta zakoresheje bene ivyo bigwnaisho vy'ubumara.

Syria igize igihe iremerwa n'ibihugu vya Bulaya biyagiriza kuba yarakoresheje bene ivyo biganisho.

Madame de Ponte arongoye umugwi mpuzamakungu wigenga wa ONU ukora amatohoza kuri Syria yabwiye btelevision y'uburusiya y'ururimi rw'igitaliano ko ''aba dukorana barashitse mu bihugu duhana imbibe kubaza abakozweko n'intambara, abaganga n'ibitaro''

Bubaye ubwa mbere abagewanya leta muri Syria biketswe kuba bakoresha ibigwan isho vy'uburozi.

Leta ya Syria yahora ibibagiriza. bamwe mu baraba ibintu n'ibindi bakaba bibaza ko imigwi imwe imwe yoba yaronse ivyo bigwanisho igihe batera ububiko bwa leta.

Ariko ugukekwa gukoresha sarin, bigizwe n'abagwanya leta ya Syria, bikwavugwa n'umuntu wo muri ONU, n'ikindi kibazo.

Carla De Ponte yigeze kuba ariu umushikirizamanza ku vyaha vy'intambara akaba arongoye umugwi wa ONU utohoza ku vyaha vyo guhonyanga agateka ka zina muntu muri Syria. Ico ashikirije rero gishobora kuremera.

Ariko ivyo yavuze ntibisigura ko ONU ariho ihagaze.

BBC © 2014 BBC ntabwo yishingiye ibibera hanze y'imbuga zayo.

Uru rupapuro ruboneka neza ukoresheje amashakiro mashyashya ya CSS. Mugihe amashakiro yawe adakorana na CSS ntushobora kubona ibiri kuri uru rupapuro byose cyangwa neza. Niba bishoboka shakisha amashakiro mashyashya ya software cyangwa CSS niba washobora kubikora.