Moyes agiye kuyobora Manchester United

Ibiherutse kuvugururwa: 9 ukwa gatanu, 2013 - 18:22 GMT

David Moyes

Umurwi w'umupira wa maguru uri kw'isonga mu Bwongereza, Manchester United, wemeje ko umumenyereza wawo mushasha azoba David Moyes.

David Moyes yar'amaze igihe ar'umumenyereza wa Everton.

Agiye gukorera mu ngata Alex Ferguson agiye kuja mu karuhuko k'iza bukuru, inyuma y'imyaka 27 amenyereza uwo murwi.

Ferguson yahesheje Manchester United ibikombe 38, ibikombe ata wundi mumenyereza yigeze abona muri kahise k'umupira w'amaguru mu Bwongereza.

Bwana Alex yavuze ko ata nkeka ko David Moyes ashoboye gose umurwi wa Manchester United.

Moyes avuga ko ari iteka yatewe, akandi ngo azi neza ko bitoroshe gukwirikira umumenyereza nka Alex Ferguson.

BBC © 2014 BBC ntabwo yishingiye ibibera hanze y'imbuga zayo.

Uru rupapuro ruboneka neza ukoresheje amashakiro mashyashya ya CSS. Mugihe amashakiro yawe adakorana na CSS ntushobora kubona ibiri kuri uru rupapuro byose cyangwa neza. Niba bishoboka shakisha amashakiro mashyashya ya software cyangwa CSS niba washobora kubikora.