Ohio:Ariel Castro yarengutse imbere ya sentare

Ibiherutse kuvugururwa: 9 ukwa gatanu, 2013 - 13:28 GMT

Ariel Castro muri sentare

Ariel Castro, umugabo w'imyaka 52, aregwa ivyaha bine vyo kunyuruza umwe umwe wese mu bagore batatu, n' umwana yavukiye aho bari bunyururijwe.

Yarezwe kandi ivyaha bitatu vyo gufata ku nguvu umwe wese mur'abo bagore batatu.

Mu kanya gato yamaze muri sentare yari yuzuye abantu, Ariel Castro, mu mwambaro w'ubururu, ntiyemeye canke ngo ahakane ivyo aregwa.

Yaravye hasi kugeza aheze gusomerwa ivyo bamurega, bikaba vyamaze iminota itanu gusa.

Umucamanza yavuze ko gusaba kurekurwa vy'agateganyo bishobora kwihwezwa ariko agatanga miliyoni zibiri z'ama dollars kuri buri kirego.

BBC © 2014 BBC ntabwo yishingiye ibibera hanze y'imbuga zayo.

Uru rupapuro ruboneka neza ukoresheje amashakiro mashyashya ya CSS. Mugihe amashakiro yawe adakorana na CSS ntushobora kubona ibiri kuri uru rupapuro byose cyangwa neza. Niba bishoboka shakisha amashakiro mashyashya ya software cyangwa CSS niba washobora kubikora.