Kofi Annan: Africa itakaza vyinshi mu masezerano yo mu kinyegero

Ibiherutse kuvugururwa: 10 ukwa gatanu, 2013 - 13:27 GMT

Gutanga impusha ku gicoro gito bituma Africa ibura amafaranga yari ikeneye cane,nk'uko icegeranyo kibivuga

Amayeri yo kudatanga amakori, amasezerano yo mu kinyegero yo kwimba ubutare n'amabuye y'agaciro hamwe n'ukurungika amafaranga hanze bituma Africa itabona inyungu iva mu butunzi kamere ifise, nk'uko bivugwa n'uwahoze ari umunyamabanga mukuru wa ONU Kofi Annan.

Amakompanyi arungika amafaranga mu bihugu bitangisha ikori ito atwara Africa miliardi 38 z'ama dollars(miliardi $38) ku mwaka, nk'uko biri mu cegeranyo c'abahinga barongowe na Kofi Annan.

''Africa itakaza incuro kabiri muri ubwo buryo ugereranioje n'amafaranga ihabwa n'abayifasha, niko Kofi Annan yabwiye BBC. yavuze ko umenga ni nko gukura ivyo kurya ku meza y'umukene.

Ico cegeranyo bise Africa Progress Report cama gisohoka mu kwezi kwa gatanu-gitegurwa n'abahinga 10,harimwo uwahoze ari umukuru wa Nigeria Olusegun Obasanjo na Graca Machel, umugore w'uwahoze ari umukuru wa Africa y'Epfo Nelson mandela.

Annan avuga ati: ibihugu vyo muri Africa bikorera mu gipfungu bikeneye guteza imbere intwaro ibereye kandi ko ibihugu bitunze cane bijwiye gufasha gushinga amategeko ajane no gukorera ku mugaragaro no gutanga amakori.

Ico cegeranyo catanze akarorero kuri Republika Iharanbira demokrasi ya Congo aho hagati ya 2010 ba 2012 impusha 5 zo kwimba amabuye y'agaciro n'ubutare zatanzwe ku mafaranga make cane kandi mu buryo budasobanutse kandi buciye mu kinyegero.

BBC © 2014 BBC ntabwo yishingiye ibibera hanze y'imbuga zayo.

Uru rupapuro ruboneka neza ukoresheje amashakiro mashyashya ya CSS. Mugihe amashakiro yawe adakorana na CSS ntushobora kubona ibiri kuri uru rupapuro byose cyangwa neza. Niba bishoboka shakisha amashakiro mashyashya ya software cyangwa CSS niba washobora kubikora.