Bangladeh: umugore muzima munsi y'ibihomoka vy'igorofa

Ibiherutse kuvugururwa: 10 ukwa gatanu, 2013 - 12:41 GMT
Umugore yatowe ari muzima

Umunyamakuru wa BBC Akbar Hossain: "abantu ngaha batangaye cane bamubonye" Ifoto dukesha Shariful Islam

Umugore akiri muzima yagobotowe mu bihomoka vy'inyubakwa yasenyutse mu micungararo y'umurwa mukuru wa Bangladesh , Dhaka, haraheze iminsi 17.

Umukuru w'abapolisi batabara yavuze ko uwo mugore yitwa Reshma yatowe mu bihomoka vy'igorofa ya kabiri y'iyo nyubakwa yari ifise amagorofa 8 yitwa Rana Plaza.

Ntiyakomeretse cane kandi yavuganye n'abatabara.

Iyo nkuru idasanzwe yamenyekanye igihe igisirikare cari limase kumenyesha ko abantu 1.000 aribo baguye muri ako kaga.

Ico gitigiri gishobora kubandanya kiduga mu gihe abakoresha imashini nini nini cane ubu batanguye kwuburura ibihome ku bice vyasinzikaye kurusha ibindi.

Kuri uyu wa gatanu igisirikare casavye abakozi guhagarika ibikorwa igihe amaborogo y'uwo mugore yari atanguye kwumvikana.

Mu minota mike abatabazi amajana n'amajana baciye begera hafi y'aho yatowe. Ntivayetevye, baciye bamugobotora mu bihomoka, akaba yaciye ajanwa mu bitaro vya gisirikare.

BBC © 2014 BBC ntabwo yishingiye ibibera hanze y'imbuga zayo.

Uru rupapuro ruboneka neza ukoresheje amashakiro mashyashya ya CSS. Mugihe amashakiro yawe adakorana na CSS ntushobora kubona ibiri kuri uru rupapuro byose cyangwa neza. Niba bishoboka shakisha amashakiro mashyashya ya software cyangwa CSS niba washobora kubikora.