Desmond Tutu: ''sinzotora ANC''

Ibiherutse kuvugururwa: 10 ukwa gatanu, 2013 - 17:41 GMT
Musenyeri Desmond Tutu

Musenyeri ari mu bagwanije cane apartheid

Umusenyeri w'umukurambere muri politike ya Africa y'Epfo akaba yaranaronse agashimwe k'amahoro ka Nobel Desmond Tutu amenyesha ko atazotora ANC, umugambwe uri ku butegetsi muri Africa y'Epfo.

Mu binyamakuru Mail na Guardian vyo muri Africa y'Epfo, Desmond Tutu yanditse ati: ''ndababajwe no kutazoshobora kubatora bivanye n'ingene ibintu bimaze iminsi bigenda''.

Ubusumbane,intureka n'ibiturire biri muri bimwe vyatunye ahagarika gushigikira ANC. Musenyeri mukuru Tutu w'imyaka 81 yari asanzwe ari umwe mu bari bashigikiye cane ANC nu rugamba yagize rwo kurwanya intwaro y'ivangura y'abazungu, apartheid.

Musenyeri Tutu yanditse ati: ''ANC yari nziza cane mu kuturongora mu rugamba rwo kurwanira kwishira tukizana''

Yabandanije ati: ''Ariko ubu simbona ko umuhari wagwaniye ukwishira ni kwizana ushobora guhinduka vyoroshe umugambwe wa politike''.

Musenyeri Tutu yarigeze kuba ananegura ingingo za leta ya ANC muri ONU, na cane cane ku vyerekeye Zimbabwe.

''Ivyo twatoye canke twanse gutora vyabaye akamaramaza. Vyaciye ku biri n'ingene twahora twigenza''

MUsenyeri mukuru Tutu yaragwanije ubutegetsi bw'abazungu mu nyuma aza kubironkera agashimwe k'amahoro kitiriwe Nobel mu 1984.

BBC © 2014 BBC ntabwo yishingiye ibibera hanze y'imbuga zayo.

Uru rupapuro ruboneka neza ukoresheje amashakiro mashyashya ya CSS. Mugihe amashakiro yawe adakorana na CSS ntushobora kubona ibiri kuri uru rupapuro byose cyangwa neza. Niba bishoboka shakisha amashakiro mashyashya ya software cyangwa CSS niba washobora kubikora.