Muri Gabon bariyamiriza ubwicanyi buterwa no kuraguza

Ibiherutse kuvugururwa: 11 ukwa gatanu, 2013 - 17:15 GMT
Umuji wa Libreville ku karata

Umuji wa Libreville ku karata

Habaye imyiyerekano ahantu habiri ku murwa mukuru wa Gabon, Libreville, yo kwiyamiriza ubwicanyi buterwa no kuraguza.

Imyiyerekano ya mbere yari yitabwe n'umutambukanyi w'umukuru w'igihugu, Sylvia Bongo Ondima.

Ariko ishirahamwe rirwanya ubwicanyi buterwa no kuraguza ryanse kwitaba iyo myiyerekano, rica ritegura iyaryo mu kindi kibanza.

Bivugwa ko abapolisi bateye ivyuka bikoroza amasozi mu gushwiragiza abagiye muri iyo yindi myiyerekano.

Abiyamiriza ubwo bwicanyi bavuga ko hishwe abantu mirongo ibiri uno mwaka, benshi muri bo bakaba bari abana b'abakobwa.

Imivyimba yabo yatowe yaciwe ibihimba, uruzi rwayisutse ku ngombe.

BBC © 2014 BBC ntabwo yishingiye ibibera hanze y'imbuga zayo.

Uru rupapuro ruboneka neza ukoresheje amashakiro mashyashya ya CSS. Mugihe amashakiro yawe adakorana na CSS ntushobora kubona ibiri kuri uru rupapuro byose cyangwa neza. Niba bishoboka shakisha amashakiro mashyashya ya software cyangwa CSS niba washobora kubikora.