Nigeria: Imigambwe itavuga rumwe na leta yishize hamwe

Ibiherutse kuvugururwa: 11 ukwa gatanu, 2013 - 16:54 GMT
Prezida Goodluck Jonathan yahagurukiwe n'imigambwe batavuga rumwe

Prezida Goodluck Jonathan yahagurukiwe n'imigambwe batavuga rumwe

Imigambwe mikuru muyitavuga rumwe na leta ya Nigeria yagize urunani ngo izotsinde umugamwe uri ku butegetsi wa Goodluck Jonathan mu matora yo mu 2015.

Imigambwe ibiri, CPC na ANPP yamenyesheje iyo ngingo mu nama zayo zitasanzwe zabaye uno munsi kuwa Gatandatu.

Uwundi mugambwe, ACN, wamaze kumenyesha ko nawo nyene uzokwiyunga n'urwo runani.

Hasigaye ko umugwi ujejwe amatora wemeza urwo runani ukarwandika.

Umugambwe uri ku butegetsi PDP, umaze gutsinda amatora yose y'umukuru w'igihugu kuva aho intwaro muri Nigeria isubiriye mu minwe y'aba sivile mu 1999.

BBC © 2014 BBC ntabwo yishingiye ibibera hanze y'imbuga zayo.

Uru rupapuro ruboneka neza ukoresheje amashakiro mashyashya ya CSS. Mugihe amashakiro yawe adakorana na CSS ntushobora kubona ibiri kuri uru rupapuro byose cyangwa neza. Niba bishoboka shakisha amashakiro mashyashya ya software cyangwa CSS niba washobora kubikora.