Pakistan: Nawaz Sharif ashobora gushinga leta wenyene

Ibiherutse kuvugururwa: 13 ukwa gatanu, 2013 - 11:51 GMT
Nawaz Sharif

Nawaz Sharif

Ibiharo bitaremezwa icese vyerekana ko bishoboka cane ko uwahoze ari umushikiranganji wa mbere wa Pakistan, Nawaz Sharif, azoshobora gushinga leta atiriwe arakenera iyindi migambwe.

Abakurikirana ivya politike bavuga ko umugambwe Pakistan Muslim League uzoshobora kuronka intebe zihagije kugira ushobora gushinga leta wonyene.

Ushobora kwikora ku bitoje ku giti cabo kugira ukwize izo ntebe.

Bwana Sharif yavuze ko abanyagihugu berekanye ko bafitiye icizere umugambwe wiwe mu kwemera ko ushobora kuzana amahinduka.

Buzoba bubaye ubwa gatatu Nawaz Sharif abaye umushikiranganji wa mbere , igaruka ryiwe ku butegetsi rikazoba ari igitangaza kuri uwo mugabo yari yakuwe ku butegetsi n'abasirikare mu 1999 hanyuma akamara imyka myinshi mu buhungiro.

Uwahoze ari umukinyi wa cricket, Imran Khan, yavuze ko azokora ibikorrwa vyiza nk'uwutavuga rumwe na leta.

Umugwi ukomeye kurusha iyindi mu yikurikirana ingene amatora agenda wavuze ko muri rusangi yagenze neza.

BBC © 2014 BBC ntabwo yishingiye ibibera hanze y'imbuga zayo.

Uru rupapuro ruboneka neza ukoresheje amashakiro mashyashya ya CSS. Mugihe amashakiro yawe adakorana na CSS ntushobora kubona ibiri kuri uru rupapuro byose cyangwa neza. Niba bishoboka shakisha amashakiro mashyashya ya software cyangwa CSS niba washobora kubikora.