Ubufaransa bwemeje ko ubutunzi bwifashe nabi

Ibiherutse kuvugururwa: 15 ukwa gatanu, 2013 - 14:05 GMT
Francois Hollande yizihije umwaka ku bubutegetsi mu bibazo vy'ubutunzi

Francois Hollande yizihije umwaka ku bubutegetsi mu bibazo vy'ubutunzi

Ubufaransa, igihu ca kabiri mu butunzi mu karere gakoresha ama euro, cemeje ku ubutunzi bwaco bumaze umwaka butunguka.

Ubutunzi bw'Ubufaransa nta kanini bwiyongereye mu kiringo kirenze umwaka, bukaba bwaheruka kuba kuri urwo rwego mu 2012.

Aya makuru aje mugihe hibukwa umwaka umwe uheze umukuru w'igihugu Francois Hollande ashikiriye ubutegetsi.

Abanyamakuru bavuga ko imvo zateje ivyo bibazo vy'ubutunzi ari icizere gike c'abaguzi hamwe n'ukwiyongera kw'ubushomeri kumaze gushika hafi cumi na rimwe kw'ijana.

Akarere gakoresha ama euro muri rusangi kabandanije kurangwa n'igabanuka ry'ukwiyongera kw'ubutunzi, kandi ibiharuro vyo mu gihugu ca mbere gitunze muri ako karere arico Ubudage, vyerekana ko naho nyene ukwiyongera gudashemeye.

BBC © 2014 BBC ntabwo yishingiye ibibera hanze y'imbuga zayo.

Uru rupapuro ruboneka neza ukoresheje amashakiro mashyashya ya CSS. Mugihe amashakiro yawe adakorana na CSS ntushobora kubona ibiri kuri uru rupapuro byose cyangwa neza. Niba bishoboka shakisha amashakiro mashyashya ya software cyangwa CSS niba washobora kubikora.