Mali: yiteze kwemererwa n'Ubulaya miliyoni 520 z'ama euros

Ibiherutse kuvugururwa: 15 ukwa gatanu, 2013 - 11:44 GMT

Jose Manuel Barroso (i bubamfu) avuga ko iyo mfashanyo yogirira akamro Mali co kimwe n'Ubulaya

Ishirahamwe rya Bulaya riraja kwiyemeza guha Mali amafaranga angana na miliyoni 520 z'ama euros yo gufasha gusanura igihugu mu nama ibera Bruxellles.

Uwutwara umugwi nshingwabikorwa w'iryo shirahamwe Jose Manuel Barroso yavuze ko ayo mafarnaga azofasha ico gihugu co muri Africa y'uburengero gusubira gutekana , ''gusubira mu ntwaro ya demokrasi hanwe no gutera imbere''.

Iyo nama niyo ya mbere kuva ubufaransa burungitse mu kwa mbere ingabo gufasha kurwanya abafashe ibigwanisho bagwanya leta ya Mali bitwaza idini rya Islam.

Leta ya Mali ifise umugambi wa miliyaridi 4.3 z'ama euros kugira ivyure igihugu.

Uwo mugambi urumnwo gusubira kwubaka inzego z'igihugu, gusanura ibikorwa remezo vyasambutse, gutunganya amatora y'umukuru w'igihugu, kugira ibiganiro n'inyeshamba zo mu buraruko hamwe n'ukurondera ub uryo bwo guteza imbere ubutunzi.

Umukuru mfatakibanza wa Mali Dioncounda Traore yavuze amaze kubonana n'umukuru w'urwego rw'ubutegetsi bw'ishirahamwe rya Bulaya ko yizigiye ko iyo nama y'abafasha Mali ishobora kuvamwo miliyardi zibiri z'ama euros.

Ishirahamwe ry'abagiraneza Oxfam rivuga ko abatanga imfashanyo bakwiye kwiyemeza gufasha Mali ku kiringo c'imyaka 15 kugirango hashikwe ku bintu birama.

Oxfam ivuga ko ''ingirane zo mu bihugu nka Afganistan canke Somalia zerekanye gufata ibin tu mu buryo bwa hafi nko gustinda intambara ya gisirikare ata na rimwe vyigera biwkira kugira haboneke amahoro n'umutekano birama''.

BBC © 2014 BBC ntabwo yishingiye ibibera hanze y'imbuga zayo.

Uru rupapuro ruboneka neza ukoresheje amashakiro mashyashya ya CSS. Mugihe amashakiro yawe adakorana na CSS ntushobora kubona ibiri kuri uru rupapuro byose cyangwa neza. Niba bishoboka shakisha amashakiro mashyashya ya software cyangwa CSS niba washobora kubikora.