Abaturage b'i Kayonza batakira umushikirangji ajejwe ubuhinzi

Ibiherutse kuvugururwa: 15 ukwa gatanu, 2013 - 16:21 GMT
Isanamu iciye y'ibaruwa y'abaturage b'i Kayonza

Isanamu iciye y'ibaruwa y'abaturage b'i Kayonza

Mu Rwanda abanyagihugu bo mu karere ka Kayonza mu murenge wa Kabare, bavuga ko bariko bararandurirwa ivyo barimye mu mugambi wo kurima Soya ku materasi.

Mw'ikete bandikiye umushikiranganji ajejwe ubuhinzi n'ubworozi, bamusaba kubarenganura kuko inshumbusho bari bemerewe batayironse.

Aho baganira na BBC, abo banyagihugu bavuga ko uwo mushinga w'amaterasi ugamije guhuriza hamwe amatongo yabo ngo bayarimemwo Soya, wirengagije ivyo bari bumvikanye.

Ngo bari bumvikanye ko ibirimwa vyose bizorandurwa muri uwo mugambi, bazobaronsa inshumbusho ngo ariko gushika ubu ntaco bararonka.

Bavuga ko mu gihe ibiterwa vyabo nk'imyumbati, ibiharage n'ibitoke biriko birarandurwa ata kindi babahaye co kubisubiriza, inzara igihe kubamerera nabi.

BBC yashoboye kuvugana n'umushikiranganji ajejwe uburimyi n'ubworozi, Agnes Karibata, atubwira ko iryo kete ataryo arabona ngo ariko abo banyagihugu barabesha.

Yavuze ko bahabwa amafaranga y'amanyarwaya ibihumbi bibiri ku munsi, ngo rero ivyo vy'uko boba bashonje ntivyumvikana.

BBC © 2014 BBC ntabwo yishingiye ibibera hanze y'imbuga zayo.

Uru rupapuro ruboneka neza ukoresheje amashakiro mashyashya ya CSS. Mugihe amashakiro yawe adakorana na CSS ntushobora kubona ibiri kuri uru rupapuro byose cyangwa neza. Niba bishoboka shakisha amashakiro mashyashya ya software cyangwa CSS niba washobora kubikora.