Ban Ki Moon mu Burusiya ku kibazo ca Syria

Ibiherutse kuvugururwa: 17 ukwa gatanu, 2013 - 13:31 GMT

Uburusiya bwagurishije ibirwanisho kuri Syria

Mu rugendo arimwo mu Burussiya, umunyamabanga mukuru wa ONU Ban Ki moon yavuze ko umwete uhari wo gushaka ibiganiro mpuzamakungu kuri Syria udakwiye kugabanuka.

Umushikiranganji w'imigenderanire w'Uburusiya Sergei Lavlov yavuze ko abazotumirwa guserukira Syria mur' ivyo biganiro bazokumvikanwako, ndetse n'ibihugu bizotumirwa.

Yavuze ko Iran izoba iri mu bihugu bizotumirwa.

Bwana Lavlov yashatse kuboneraho guhosha umwitwarariko ku biajanye n'ibirwanisho leta ya Moscow ivurwa ko yagurishieje kuri leta ya Syria.

Yavuze ko ivyo birwanisho bigurishwa hisunzwe amategeko yari ahasanzwe, kandi ata masezerano mpuzamakungu yarenzwe.

Bwana Lavlov yakoresheje aya majambo avuga ko atumva impamvu abanyamakuru, bashaka kubitwarira hejuru.

Ivyo yabishikirije mu gihe hari hamaze kumenyekana ko Uburusiya bwagurishije ibirwanisho biteye imbere kuri leta ya Syria.

Mur' urwo rugendo rwiwe mu Burusiya, bwana Ban ateganya kubonana na perezida Vladmir Putin

Mu gihe yari mur'urwo rugendo, ishami rya ONU rijejwe impunzi ryatangaje ko impunzi zimaze guharurwa zituruka muri Syria zimaze kurenga miliyoni 1,5.

BBC © 2014 BBC ntabwo yishingiye ibibera hanze y'imbuga zayo.

Uru rupapuro ruboneka neza ukoresheje amashakiro mashyashya ya CSS. Mugihe amashakiro yawe adakorana na CSS ntushobora kubona ibiri kuri uru rupapuro byose cyangwa neza. Niba bishoboka shakisha amashakiro mashyashya ya software cyangwa CSS niba washobora kubikora.