Icabona mu rubanza rwa Ingabire cari cabuze

Ibiherutse kuvugururwa: 17 ukwa gatanu, 2013 - 17:47 GMT

Ingabire n'uwamuburanira maitre Gashabana

Nk'uko vyari vyatangajwe mu ntahe y'icese y'ejo, urubanza rwa Victoire Ingabire rwazindutse mu gatondo k'uno munsi ruhamagazwa, ariko icabona ciwe kizwi kw'izina rya AA gusa, ntiyarenguka.

Sentera yongeye amasaha arenga abiri ku mwanya wo gutangura, bizeye ko ico cabona casavye ko amazina yiwe adatangazwa yohava aza acerewe.

Yaba sentare, ubushikirizamanza canke uruhande rwa Victoire Ingabire, nta n'umwe ngo yari azi aho icabona AA ari.

Abunganira Victoire Ingabire bo bavuze ko iyo sura/umutangabuhamywa, ari mu minwe ya sentare kuva ejo aho atanguriye kurenguka muri sentare.

Imbere yo kuza nk'icabona yari yandikiye sentare asaba ko imyidondoro yiwe yogirwa ibanga kandi agakingirwa umutekano.

Mu nyuma sentare yahavuye ifata ingongo yo kwigiza inyuma urubanza ku munsi wa gatanu w'indwi iza.

Natashe ndushe nca kwa muganga

Ariko ntivyatevye, mu nyuma hatumwako inama y'abanyamakuru, aho batangarijwe ko urubanza ruja gusubira gusasa inyums y'umutaga.

Urubanza rwongeye guhamagarwa, maze ico cabona kiraza, ariko nta nsiguro zatanzwe z'iyo yaturutse n'uko yashitse muri sentare.

Gusa abajijwe impamvu atitavye mu ntahe y'icese mu gitondo, AA yishuye ati:"nyuma yo kuva mu rubanza ejo natashe naniwe, nca kwa muganga"

Sentare yasobanuriye abari mu ntahe y'icese y'uno munsi inyuma y'umutaga ko n'ubwo yari yamaze gutanga isango ryo kuwa gatanu uza, yashashe kugira abari bafise impungenge z'aho AA yoba aherereye n'uko amerewe, bobonere n'amaso yabo ko adora kandi ata kibazo yagize.

Umucamanza yavuze kandi ko AA agiye kurindirwa umutekano amasaha 24 kuri 24, ari ahantu hagizwe ibanga, aho atazovugana n'abantu bo hanze, kugeza arangije kuza mur'uru rubanza nk'icabona.

Urubanaza rwungururijwe kw'isango rwari rwashizweko mu gitondo, ryo ku munsi wa gatanu uza.

BBC © 2014 BBC ntabwo yishingiye ibibera hanze y'imbuga zayo.

Uru rupapuro ruboneka neza ukoresheje amashakiro mashyashya ya CSS. Mugihe amashakiro yawe adakorana na CSS ntushobora kubona ibiri kuri uru rupapuro byose cyangwa neza. Niba bishoboka shakisha amashakiro mashyashya ya software cyangwa CSS niba washobora kubikora.