DRC:Abarenga 20 baguye mu kirombe iMasisi.

Ibiherutse kuvugururwa: 17 ukwa gatanu, 2013 - 15:02 GMT

Ikirombe ca zahabu

Abategetsi bo muri Territoire ya Masisi muri Kivu ya ruguru bavuga ko ikirombe kiri mu gace ka Rubaya, cabomotse ejo kuwa kane mu gatondo, gihitana abarenga 20.

Umukuru wa territoire ya Masisi Dieudonne Tchishiku yabwiye BBC ko igitigiri c'abafuriwe n'ico kirombe gishobora kuba kirenga abakekwa.

Yavuze ko barindiriye ibikoresho bishoboye gufasha kwimba kugira bakureyo ibiziga vy'abaguweko n'ico kirombe, kuko kiri kure ku metero 30 uja mu kuzimu.

Bwana Tshishiku yavuze kandi ko ibikorwa vyose vyo kwimba amabuye y'agaciro mur'ako gace vyabaye birahagarikwa.

Hari ibirombe vyinshi vyimbwa mu buryo butemewe n'amategeko, mu ntara ya Kivu ya ruguru yuzuyemwo ubutunzi bwa zahabu na coltan zikoreshwa mu gucura za telephone ngendanwa.

Ariko iyo ntara yugarijwe n'intambara.

BBC © 2014 BBC ntabwo yishingiye ibibera hanze y'imbuga zayo.

Uru rupapuro ruboneka neza ukoresheje amashakiro mashyashya ya CSS. Mugihe amashakiro yawe adakorana na CSS ntushobora kubona ibiri kuri uru rupapuro byose cyangwa neza. Niba bishoboka shakisha amashakiro mashyashya ya software cyangwa CSS niba washobora kubikora.