Burundi: Abarimu ngo bagire bakwe n'utwo bari bafise

Ibiherutse kuvugururwa: 21 ukwa gatanu, 2013 - 16:37 GMT
Umunyeshure ariko arandika

Umunyeshure ariko arandika

Abarimu bo mu mashure yisumbuye mu Burundi bafashe ingingo yo guhagarika akazi ikiringo batamenyesheje biyamiriza umugambi wa leta wo kubaka akarusho bahorana.

Abo barimu bavuga ko leta ifise umugambi wo kubaka akarusho ku mushahara bahabwa kajanye n'ipete ryo ku rwego rwa kabiri batangurana akazi, ringana n'uburambe bw'imyaka itandatu.

Ishirahamwe riserukiye abigisha b'amashure yisumbuye mu Burundi, CONAPES, rivuga ko ivyo biri mu mugambi wa leta ngo wo kunganisha imishara mu bakozi bayo.

CONAPES ibona ko iyo ngingo izoba ije kwunyura ibintu mu gihe yoja mu ngiro, kuko bizosigura ko imishahara yabo igiye kugabanywa.

Iyo ngingo ariko ngo iracari mu mugambi ntiraja mu ngiro, ariko abo barimu bakavuga ko bataronse ikete rivuye muri leta ryemeza ko ako karusho katazovako, ngo ntibarota basubiye kwigisha.

BBC iracagerageza kumenya ico ubushikiranganji bujejwe indero mu Burundi bubivugako.

BBC © 2014 BBC ntabwo yishingiye ibibera hanze y'imbuga zayo.

Uru rupapuro ruboneka neza ukoresheje amashakiro mashyashya ya CSS. Mugihe amashakiro yawe adakorana na CSS ntushobora kubona ibiri kuri uru rupapuro byose cyangwa neza. Niba bishoboka shakisha amashakiro mashyashya ya software cyangwa CSS niba washobora kubikora.