Abasirikare ba Misiri barekuwe muri Sinai

Ibiherutse kuvugururwa: 22 ukwa gatanu, 2013 - 06:29 GMT

Igisirikare ca Misiri mu burarukobwa Sinai

Abasirikare ma Misiri indwi bawi bafashwe mu rugendo barimwo bari muri za minibus berekeza mu buraruko bwa Sinai, mu buserukobw/umuji wa El Arish.

Umuvugizi wa gisirikare yamenyesheje aciye ku rubuga rwa facebook,ko iperereza rya gisirikare kumwe n'inararibonye zo mur'ako gace aribo bafashije kugira barekurwe.

Iryo zinga risigaye rirangwamwwo kutubahiriza amategeko kuva intwaro yo kwa Hosni Mubarck ikombowe mu 2011.

Umuvugizi wa gisirikare colonel Ahmed Ali yavuze ko abo bantu indwi bari mu nzira bagaruka cairo.

Ingabo za Misiri zaraye ziteye umukwabu mu buraruko bwa Sinai.

Ku munsi wa mbere, perezida Mohammed Morsi yahakanye kuganira n'abari barafashe abo basirikare, avuga ata jambo abo yise inkizi z'ikibi bakwiye guhabwa.

Ifatwa ry'abo basikare ryateye agashavu mu bapolisi, bituma bugara umupaka ijabuyka muri Gaza.

BBC © 2014 BBC ntabwo yishingiye ibibera hanze y'imbuga zayo.

Uru rupapuro ruboneka neza ukoresheje amashakiro mashyashya ya CSS. Mugihe amashakiro yawe adakorana na CSS ntushobora kubona ibiri kuri uru rupapuro byose cyangwa neza. Niba bishoboka shakisha amashakiro mashyashya ya software cyangwa CSS niba washobora kubikora.