I Bukavu hazindutse akaguma

Ibiherutse kuvugururwa: 24 ukwa gatanu, 2013 - 15:50 GMT
Kivu y'ubumanuko ku karata y'akarere

Kivu y'ubumanuko ku karata y'akarere

Mu muji wa Bukavu muri Kivu y'ubumanuko, mu buseruko bwa Kongo, hazindutse itana mu mitwe hagati y'Abanyamurenge n'ayandi moko.

Vyatanguye ejo aho abanyeshule b'Abanyamurenge bakubitwa bagakomereka, barazwa mu bitaro.

Mu gitondo c'uno munsi, imisore y'Abanyamurenge yaciye izibira ibarabara, ihagarika za moto.

Imisore yo mu muko y'Abarega, Abashi, Ababembe n'abandi, yaciye iza haca hatangura guterana amabuye.

Itana mu mitwe ryabandanije gushika nko mu ma saa tanu zo mu gitondo, igipolisi aba arico kiza kuja hagati kirabihosha.

Naho ico bapfa kitagaragara neza, ngo abo Banyamurenge boba bagirizwa kugirana ubucuti na M23.

Abahatuye bavuga ko uruhagarara ruhasanzwe, ngo ariko ibintu bishika aho gukozanyako hagati y'ayo moko iyo hagize ikiba muri Kivu y'uburaruko.

Abajejwe intwaro bakuriwe na buramatari wa Kivu y'ubumanuko babihagurukiye, bakaba banashitse ku bitaro kuraba abakomeretse.

Bivugwa kandi ko hariko haraba amatohoza yo kumenya abatanguje ako kaguma kugira bahanwe.

Muri uno mwanya umutekano wagarutse mu muji wa Bukavu.

BBC © 2014 BBC ntabwo yishingiye ibibera hanze y'imbuga zayo.

Uru rupapuro ruboneka neza ukoresheje amashakiro mashyashya ya CSS. Mugihe amashakiro yawe adakorana na CSS ntushobora kubona ibiri kuri uru rupapuro byose cyangwa neza. Niba bishoboka shakisha amashakiro mashyashya ya software cyangwa CSS niba washobora kubikora.