Uganda: abamenyeshamakuru batewe ivyotsi bikoroza amasozi

Ibiherutse kuvugururwa: 28 ukwa gatanu, 2013 - 15:32 GMT

Abamenyeshamakuru bari beteguye kugira inyiyerekano mu mahoro

Igipolisi ku murwa mukuru wa Uganda casutse ivyotsi bikoroza amasozi kugira gishwiragize abamenyeshamakuru bariko baragira imyiyerekano hafi y'ibiro vy'ikinyamakuru cugawe n'abategetsi ku ndwi iheze.

Umunyamakuru wa BBC avuga ko babiri muri abo bamenyeshamakuru bafashwe abandi nabo bagakubitwa inembo.

Bari bahuye kugira biyamirize ingene igipolisi n'ubu kikiri mu kigo gikoreramwo ikinyamakuru cigenga Daily Monitor.

Be n'ikindi kinyamamuru vyatewe n'igipolisi inyuma y'aho bisohoreye inkuru zivuga ko umukuru w'igihugu Yoweri Museveni ariko arategura umuhungu wiwe kugira azomusubirire ku butegetsi.

Izo nkuru vyazanditse vyisunga ikete ryoba ryanditswe n'umwe mu ba jenerali bo mu gisirikare avuga ko abadashigikiye ko umuhungu wa Museveni asubirira se bashobora kwicwa. Museveni ari ku butegetsi kuva mu 1986 azorangiza ikiringo ciwe mu 2016.

Bimaze kuvugwa kenshi ko umuhungu wiwe Muhoozi Kainerugaba , umusirikare w'ipete rya jenerali de Brigade yoba ariko arategurwa ngo asubirire se.

Ariko leta irahakana uwo mugambi.

Abo mu mashirahamwe aharanira agateka ka zina muntu muri Uganda bari bateguye kugira imyiyerekano mu mahoro mu guhurira ahokorera icvo kinyamakuru.

Abamenyeshamakuru bashika 100 bari kumwe n'abandi baharanira agatekla ka zina muntu bari bahateraniye.

Geoffrey Ssebaggala aharanira agateka ka zina muntu yabwiye itororokanirizo ry'amakuru AFP ko ivyakozwe n'igipolisi ari uguhonyanga uburenganzira bw'imenyeshamakuru n'ukubangamira ubutunzi. Umukuru wa polisi Kale Kayihura yavuze kuri uyu wa mbere ko ivyo binyamakuru bizoguma vyugaye gushika vyemeye gukorana n'igipolisi.

Abategetsi bashaka ko Daily Monitor yokwerekana ingene ingene yaronse iryo kete ryari rigenewe kuguma mw'ibanga bivugwa ko ryanditswe na jenerali David Sejusa ubu ari hanze y'igihugu.

Umuyobozi w'ico kinyamakuru Alex Asiimwe yavuze ko kizobandanya canka kuvuga uwagihaye iryo kete.

Ama radiyo abiri akorana n'ico kinyamakuru nayo nyene arugaye.

BBC © 2014 BBC ntabwo yishingiye ibibera hanze y'imbuga zayo.

Uru rupapuro ruboneka neza ukoresheje amashakiro mashyashya ya CSS. Mugihe amashakiro yawe adakorana na CSS ntushobora kubona ibiri kuri uru rupapuro byose cyangwa neza. Niba bishoboka shakisha amashakiro mashyashya ya software cyangwa CSS niba washobora kubikora.