Inama mpuzamakungu irakorana kuri Syria

Ibiherutse kuvugururwa: 29 ukwa gatanu, 2013 - 06:01 GMT

Syria Qusair

Ibihugu bigize inama ijejwe agateka ka zinamuntu mw'ishirahamwe ONU baraza kwihweza niba bashiraho ingingo yiyamiriza abarwanyi b'abanyamahanga muri Qusair.

Intambara zitera zikomera cane mur'ako gace ka Qusair.

Ibihugu vy'amahanga vyakomeje guharira ku kibazo co guha ibirwanisho impande zihanganye mu ntambara ya Syria.

Izo mpari zazanye igitutu ku mugambi wari wumvikanyweko na Leta zunze Ubumwe za Amerika n'Uburusiya, wo guhuza impande zihanganye muri Syria mu ntumbero yo kurangiza intamabra zimaze imyaka ibiri.

Uwo mugambi wo guhuza abanya Syria uracatambamiwe n'uruhande rurwanya leta rwananiwe kumvikana uworuserukira mur'iyo nama.

Inama y'agateka ka zina muntu mw'ishirahamwe ONU iraza gukorana uno munsi, kugira yumvikane ku ngingo yo kwiyamiriza leta ya Syria ku kibazo co gukoresha abarwanyi b'abanyamahanga mur'iyo ntambara.

Uhagarariye agateka ka zina muntu mw'ishirahamwe

ONU Navi
Pillay aragabisha ko ubwicanyi bumaze kugera ku rwego ruteye ubwoba.

Iyo ngingo kandi iza kumvikanwako, iteganya gusabira amashirahamwe ya ONU ajejwe gutang'infashanyo, inzira yo gushikira abazikeneye muri Syria.

Umunyamakuru wa BBC ari iGeneva, avuga ko kubona ibihugu vya Qatar, leta zunze ubumwe za Amerika na Turkey arivyo vyatunganije integuro y'iyo ngingo bigaragaza ukutavuga rumwe ku kibazo ca Syria.

Ikindi iyo nama y'agateka ka zina muntu yifuza gushikako uno munsi, n'uko intambara muri Qusair, aho bikekwa ko ibihumbi vy'abanyagihugu bugaraniye zohagarara.

Ariko ingingo z'inama y'agateka ka zina muntu ntizibwirizwa gukwirikizwa.

Inama y'umutekano yonyene niyo ishobora gushinga ingingo y'ibihano, canke yo kurungika inteko, ivyo navyo biboneka ko bikiri kure cane.

BBC © 2014 BBC ntabwo yishingiye ibibera hanze y'imbuga zayo.

Uru rupapuro ruboneka neza ukoresheje amashakiro mashyashya ya CSS. Mugihe amashakiro yawe adakorana na CSS ntushobora kubona ibiri kuri uru rupapuro byose cyangwa neza. Niba bishoboka shakisha amashakiro mashyashya ya software cyangwa CSS niba washobora kubikora.