Abagwana kw'izina ry'idini bageramiye Africa yose

Ibiherutse kuvugururwa: 30 ukwa gatanu, 2013 - 13:42 GMT

Umukuru wa Ghana avuga ko Africa yose ikwiye gufatanya kugira ikomeze amahoro

Umukuru wa Ghana John Dramani Mahama agabisha avuga ko ugukomantaza ivyiyumviro bishingiye kw'idini rya Islam bishobora guhungabanya Africa y'uburengero yose.

Perezida Mahama yabwiye BBC ko n'ubwo Ghana itarashikirwa ubwayo, ata gihugu na kimwe kitageramiwe hamwe intagondwa zobandanya gukomera mu bindi bihugu.

Yavuze ko igikorwa c'ingabo z'Ubufaransa muri Mali cafashije kugarukana ireme muri ico gihugu ariko intambara n'ubu itarahera. Yanashigikiye iciyumviro co gushinga inteko za Africa zo kwama zigavye kugira zifashe bikenewe.

Mahama yavuze ko hari iciyumviro c'uko izo ngabo zokoresha uburyo bwova mu makori yovanwa ku ngendo z'indege hamwe no ku mahoteli ku mugabane wose wa Africa.

Abumva icongereza murakurikira kuri BBC World Service isaha imwe y'ijoro (1900GMT) kw'isaha mpuzamakungu ya GMT kuri uyu wa gatanu itariki 31/05 mu kiganiro Africa Debate kizoba gishingiye kuri iki kibazo : Africa yoba igeramiwe n'abagwana kw'izina ry'idini rya Islam?-cafatiwe i Dakar muri Senegal.

Canke muterere kuri Twitter -mukoresheje #bbcafricadebate-Facebook canke Google+Africa Debate.

BBC © 2014 BBC ntabwo yishingiye ibibera hanze y'imbuga zayo.

Uru rupapuro ruboneka neza ukoresheje amashakiro mashyashya ya CSS. Mugihe amashakiro yawe adakorana na CSS ntushobora kubona ibiri kuri uru rupapuro byose cyangwa neza. Niba bishoboka shakisha amashakiro mashyashya ya software cyangwa CSS niba washobora kubikora.